Ababangikanyamana ntibakwiye kugira isezerano ku Mana Allah n’Intumwa yayo ryubahirizwa, kiretse abo mwasezeraniye mu micungararo y’umusigiti mutagatifu
w’i Makka, amasezerano ya Al-Hudaybiyya; mu gihe cose bazoba bacubahiriza nya masezerano rero, muraheza muyubahirize. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagamburukiramana badahemuka mu kwubahiriza amasezerano.