ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي

سورة الإنشقاق - Al-Inshiqaaq

external-link copy
1 : 84

إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنشَقَّتۡ

Igihe ijuru ryasadutse rigatabuka ku musi w’umuhero w’isi; info
التفاسير:

external-link copy
2 : 84

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ

Rikumvira Imana yaryo Rurema Allah, kandi ritegerezwa nta kibuza; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 84

وَإِذَا ٱلۡأَرۡضُ مُدَّتۡ

Igihe n’isi yasanjwe; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 84

وَأَلۡقَتۡ مَا فِيهَا وَتَخَلَّتۡ

Igasohora abantu n’ubutare biri muri yo, igasigara igaragara; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 84

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ

Ikumvira Imana yayo Rurema Allah, kandi itegerezwa nta kibuza. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 84

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡإِنسَٰنُ إِنَّكَ كَادِحٌ إِلَىٰ رَبِّكَ كَدۡحٗا فَمُلَٰقِيهِ

Ewe muntu! Mu vy’ukuri wewe, ugana ku Mana Allah, ukita ku rutare mu bikorwa, vyaba vyiza canke bibi, kugeza aho uzohura n’Imana yawe Rurema Allah Ikabiguhembera. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 84

فَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ

Uwo wese rero azohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo; info
التفاسير:

external-link copy
8 : 84

فَسَوۡفَ يُحَاسَبُ حِسَابٗا يَسِيرٗا

Uyo, ni we azoharurirwa ibiharuro vyoroshe; info
التفاسير:

external-link copy
9 : 84

وَيَنقَلِبُ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورٗا

Maze agasubira mu bantu biwe mu Bwami bw’ijuru akanyamuneza kamusya. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 84

وَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ وَرَآءَ ظَهۡرِهِۦ

Nayo uwuzohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe inyuma y’umugongo wiwe; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 84

فَسَوۡفَ يَدۡعُواْ ثُبُورٗا

Uyo rero, azoheza yisabire urupfu; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 84

وَيَصۡلَىٰ سَعِيرًا

Yinjire no mu muriro wama wegenyejwe; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 84

إِنَّهُۥ كَانَ فِيٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورًا

Kuko mu vy’ukuri, yahorana akanyamuneza mu muryango wiwe akiri kw’isi, nta co yategekanirije uyu musi. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 84

إِنَّهُۥ ظَنَّ أَن لَّن يَحُورَ

Mu vy’ukuri, yibaza ko atazosubira ku Mana yiwe Allah ngo Imuharurire. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 84

بَلَىٰٓۚ إِنَّ رَبَّهُۥ كَانَ بِهِۦ بَصِيرٗا

Yobuzwa n’iki gusubira ku Mana Allah! Mu vy’ukuri Imana yiwe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Yaramubona we n’ivyo yakora. info
التفاسير:

external-link copy
16 : 84

فَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلشَّفَقِ

Jewe Allah, Ndarahiye ku bicu bitukura bugorovye! info
التفاسير:

external-link copy
17 : 84

وَٱلَّيۡلِ وَمَا وَسَقَ

No kw’ijoro n’ivyo rinyegeje! info
التفاسير:

external-link copy
18 : 84

وَٱلۡقَمَرِ إِذَا ٱتَّسَقَ

No ku kwezi iyo gukwijije umuco mu mfato! info
التفاسير:

external-link copy
19 : 84

لَتَرۡكَبُنَّ طَبَقًا عَن طَبَقٖ

Bantu! Ni ukuri muzohura n’ibihe bigoye bisumbasumbana[726]. info

[726] Umuntu wese aremwa mw’ima ry’intanga, rigahinduka amaraso avuze; nya maraso avuze agahinduka igihimba c’inyama; hanyuma nya gihimba c’inyama kigahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima “Roho”. Yamara kuvuka akabaho, hanyuma agapfa, akazozuka, agashorerwa kw’iyegeranirizo ry’ibiremwa, hanyuma agaharurirwa.

التفاسير:

external-link copy
20 : 84

فَمَا لَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Mbega, abantu babuzwa n’iki kwemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, kandi basomerwa Aayah za Qor’ani zitomoye! info
التفاسير:

external-link copy
21 : 84

وَإِذَا قُرِئَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقُرۡءَانُ لَا يَسۡجُدُونَۤ۩

N’iyo basomewe Qor’ani, ntibubamira Imana Allah ngo bemere amabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 84

بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُكَذِّبُونَ

Ahubwo abagararije bahakana Qor’ani bivuye inyuma, izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 84

وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُوعُونَ

Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bahishije mu mishaha yabo. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 84

فَبَشِّرۡهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ

Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero inkuru y'incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 84

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونِۭ

Ariko abantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barafise impembo idahera bagenewe mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير: