Bemeramana! Nimwibuke inema z’Imana Allah kuri mwebwe igihe mwari inkehwa i Makka, mucinyizwa, mutinya ko abagarariji bobanyuruza bakabamarira ku buhomba, maze Imana Allah Ibaha ubuhungiro, mwimukira i Madina, Iranabatera n’intege mutsinda abagarariji ku rugamba rwa “Badri”, Iranabaronsa iminyago kugira muyishimire.
Nimumenye kandi ko amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ari ibigeragezo kuri mwebwe kugira Imenye ko muyishimira canke ko muyirengagiza! Mumenye n’uko ku Mana Allah hari impera nta ngere ku bayigamburukira.
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abagarariji bategura umugambi mubi w’uko bokugira imbohe, bakakwica canke bakakwangaza, bagategura umugambi wo kukugirira nabi, Imana Allah na Yo Ikabahinyura mu kuburizamwo nya mugambi mubi. Burya Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura.