Ni impembo ivuye ku Mana Allah, Mubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, Nyenimpuhwe ku biremwa. Ntibazoshobora kugira ico bayibajije, kiretse ku vyo Itanzeko uburenganzira;
Ku musi Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abandi bamalayika bazotonda ku murongo, nta n’umwe bazovugira, kiretse uwuzohabwa na Nyenimpuhwe Allah uburenganzira bwo kuvugirwa, agaheza akavuga ibitomoye.
Uwo ni wo musi w’ukuri, ata makenga ko uzoshika. Uwushaka gukira intureka zawo rero, nakurikire inzira y’ibikorwa vyiza, imushikana ku Mana yiwe Rurema Allah.