Abantu bari mu muriro na bo, bazosaba abantu bari mu Bwami bw’ijuru bitabariza ko bobahembura, bati: “Yemwe! Nimudusomye na duke ku mazi, canke muduhembure ku mfungurwa mwaronkejwe n’Imana Allah!”. Bazobishura bati: “Ni ukuri, burya Imana Allah Yaraziririje amazi n’imfungurwa ku bayigararije bagahakana n’Intumwa zayo".