Abari baracinyijwe muri Bene Israyeli, bakagirwa abaja ba Firawuni, Twarabaraze igihugu co mu buseruko n’ico mu burengero bw’isi (Misiri na Shaamu), ari na vyo bihugu Twahezagiye bikagira isi ndimwa y’akanovera n’inzuzi, gutyo ijambo ry’isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubohoza no gutsimbataza Bene Israyeli bihanganiye Firawuni, riba riratunganye; Turaheza rero Duhonya ivyaranguwe na Firawuni n’abantu biwe, Tunasenyura n’inyubakwa bubatse.