ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي

رقم الصفحة:close

external-link copy
25 : 57

لَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا رُسُلَنَا بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَأَنزَلۡنَا مَعَهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡمِيزَانَ لِيَقُومَ ٱلنَّاسُ بِٱلۡقِسۡطِۖ وَأَنزَلۡنَا ٱلۡحَدِيدَ فِيهِ بَأۡسٞ شَدِيدٞ وَمَنَٰفِعُ لِلنَّاسِ وَلِيَعۡلَمَ ٱللَّهُ مَن يَنصُرُهُۥ وَرُسُلَهُۥ بِٱلۡغَيۡبِۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيٌّ عَزِيزٞ

Ni ukuri Twebwe Allah, Twarungitse Intumwa zacu zibangikanije ivyemezo bitomoye; Tuzimanurira n’Ibitabu birimwo amabwirizwa; Tumanura n’umunzani werekana ubutungane nya butungane, kugira abantu babeho bubahiriza ubutungane hagati yabo; Tumanura n’icuma rero gifise ubukomezi nta ngere, kikagira n’ibintu vyinshi ngirakamaro ku bantu. Ivyo vyose, kwari ukugira Imana Allah Yerekane ku vyo Isanzwe Izi, uwuharanira idini ryayo agatabara n’Intumwa zayo atarigera ayibona n’amaso. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa. info
التفاسير:

external-link copy
26 : 57

وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا نُوحٗا وَإِبۡرَٰهِيمَ وَجَعَلۡنَا فِي ذُرِّيَّتِهِمَا ٱلنُّبُوَّةَ وَٱلۡكِتَٰبَۖ فَمِنۡهُم مُّهۡتَدٖۖ وَكَثِيرٞ مِّنۡهُمۡ فَٰسِقُونَ

Ni ukuri, Twaranarungitse Nuhu na Ibrahimu ku bantu babo, maze Tugira no mu ruvyaro rwabo Abavugishwamana Tubaha n’Ibitabu. Muri nya ruvyaro rwabo rero, harimwo umugororotsi, abenshi muri bo bakaba ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 57

ثُمَّ قَفَّيۡنَا عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِم بِرُسُلِنَا وَقَفَّيۡنَا بِعِيسَى ٱبۡنِ مَرۡيَمَ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡإِنجِيلَۖ وَجَعَلۡنَا فِي قُلُوبِ ٱلَّذِينَ ٱتَّبَعُوهُ رَأۡفَةٗ وَرَحۡمَةٗۚ وَرَهۡبَانِيَّةً ٱبۡتَدَعُوهَا مَا كَتَبۡنَٰهَا عَلَيۡهِمۡ إِلَّا ٱبۡتِغَآءَ رِضۡوَٰنِ ٱللَّهِ فَمَا رَعَوۡهَا حَقَّ رِعَايَتِهَاۖ فَـَٔاتَيۡنَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنۡهُمۡ أَجۡرَهُمۡۖ وَكَثِيرٞ مِّنۡهُمۡ فَٰسِقُونَ

Mu nyuma y’irungikwa rya Nuhu na Ibrahimu, Twakurikije izindi Ntumwa zacu, maze Dukurikiza irungikwa rya Isa mwene Mariyamu, maze Tumuha n’Injili, Turaheza Dushira mu mitima y’abamukurikiye ikigongwe n’impuhwe, bakaba barakundana koko. Mu nyuma, badukanye ukwihebera Imana Allah mu buryo bw’indenzarugero, eka mbere ntitwigeze Tubibategeka, bavyadukanye mu ntumbero ngo yo gushimisha Imana Allah, ariko ntibavyubahirije ukuri kwo kuvyubahiriza, Turaheza rero Duha abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo muri bo, indishi yabo hisunzwe ukwemera kwabo, abenshi muri bo ni ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
28 : 57

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَءَامِنُواْ بِرَسُولِهِۦ يُؤۡتِكُمۡ كِفۡلَيۡنِ مِن رَّحۡمَتِهِۦ وَيَجۡعَل لَّكُمۡ نُورٗا تَمۡشُونَ بِهِۦ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimushishikare kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah no kwemera Intumwa yayo, Imana Allah Izoheza Ibahe impuhwe zayo zigwijwe kabiri, Yongere Ibahe n'umuco mugenderako mu bugurorotsi bwanyu, Ibagumirize n’akabanga ku vyaha vyanyu ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 57

لِّئَلَّا يَعۡلَمَ أَهۡلُ ٱلۡكِتَٰبِ أَلَّا يَقۡدِرُونَ عَلَىٰ شَيۡءٖ مِّن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَأَنَّ ٱلۡفَضۡلَ بِيَدِ ٱللَّهِ يُؤۡتِيهِ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ

Bemeramana! Imana Allah Yabahaye ivyo vyose, kugira abahawe Igitabu batemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bamenye, ko ata co bashoboye kwiha canke kubuza ko gishikira uwundi mu mpano z’Imana Allah, n’uko mu vy’ukuri impano zose ziri mu minwe y’Imana Allah, Izihereza uwo Ishatse mu baja bayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubugwaneza, Nyeningabirano zihambaye. info
التفاسير: