Emwe bantu! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo kubazura no kubahembera ivyo mwakoze, ni iry’ukuri; ntimugahendwe rero n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi, kandi ntimugahendwe na shetani ngo ibakure ku Mana Allah;
Mu vy’ukuri shetani ni umwansi wanyu, na mwe nyene rero nimumugire umwansi, ntimukamwumvire. Ni ukuri shetani irarikira umugwi wayo mu nzira y’ubuhuvyi, kugira uzobe mu bantu bo mu muriro wama wegenyejwe.
Abahakanye bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagahakana n’ivyo bashikirijwe n’Intumwa, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
Uwuryoherejwe na shetani ibikorwa vyiwe bibi maze akabibona ko ari vyiza, yoba angana mu butore n’uwarongowe n’Imana Allah mu nzira igororotse, agaheza agatandukanya icatsi n’ururo, maze iciza akabona ko ari ciza, ikibi na co akabona ko ari kibi! Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku bugaba bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe. Ntumwa y’Imana! Ntukicwe rero n’intuntu kubera ubugarariji bw’abaryoherejwe ivy’isi, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibintu vyose bakoze kw'isi kandi Izobibahembera.
Uwurondera rero icubahiro c’iteka mu buzima bwo kw’isi canke mu bw’inyuma yo gupfa, arakironderera mw'iyumviramana, burya icubahiro cose c’iteka gikomoka kuri Yo[1]. Ininahaza n’itaziramana riduga ku Mana Allah, n’ibikorwa vyiza nyene Ibiduza kuri Yo. Abagira ubwononyi mu gucumura, barategekanirijwe ibihano bikaze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ubwononyi bwabo rero nta co buzobashikanako.
[1] Uwurondereye iteka n’icubahiro ku kiremwa nkawe, Imana Allah Iramusuzuguza; nayo uworondereye iteka n’icubahiro kuri Rurema Allah, Imana Allah Iramuha nya teka n’icubahiro.