Wewe nta n’ico uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Mbere twibwira ko wewe ata nkeka uri mu babesha ko warungitswe kuba Intumwa;
Bahavuye rero barendegera mu guhakana bivuye inyuma Shu’ayibu, maze Imana Allah Ibahanisha ubushuhe bumena imbwa agahanga, baraheza bahungira nya bushuhe musi y’igicu kibaha agatutu n’akayaga. Bamaze kwiyegeraniriza hamwe bose musi ya nya gicu, ni ho Imana Allah Yaca Irungika umuriro ubaturira bose, mu vy’ukuri cari igihano c’ihonywa ku musi uhambaye.
Mu vy’ukuri, mw’ihonywa ry’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bikebuka ngo bemere.
التفاسير:
191:26
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير:
192:26
وَإِنَّهُۥ لَتَنزِيلُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani icira abantu ku mayange kahise k’ivyashikiye Intumwa n’abo zarungitsweko, Yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
التفاسير:
193:26
نَزَلَ بِهِ ٱلرُّوحُ ٱلۡأَمِينُ
Ntumwa y'Imana! Iyo Qor’ani yamanukanwe na Mutimamweranda akaba n’umwizigirwa Jibrili;
التفاسير:
194:26
عَلَىٰ قَلۡبِكَ لِتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُنذِرِينَ
Araheza arayigusomera urayizigama mu mutima, uranatahura n’ingingo zirimwo, kugira ube Intumwa mu zindi Ntumwa zigabisha abo zarungitsweko ku bihano vy’Imana Allah, uheze ugabishe rero abantu bose co kimwe n’amajini.
التفاسير:
195:26
بِلِسَانٍ عَرَبِيّٖ مُّبِينٖ
Akaba yayimanukanye iri mu rurimi rw’icarabu rutomoye, harimwo ingingo zose nkenerwa mu gutunganya ivy’ubuzima bwo kw’isi n’ivy’ubw’inyuma yo gupfa.
التفاسير:
196:26
وَإِنَّهُۥ لَفِي زُبُرِ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mu vy’ukuri ivugwa ry’iyi Qor’ani, ni ukuri riri mu Bitabu vy’Intumwa zo hambere yawe.
Ntumwa y’Imana! Mbega abaguhakana, ntivyari bikwiye kubabera icemezo cotuma bemera ko uri Intumwa, kuba abamenyi muri Bene Israyeli bazi neza na neza ko uri Intumwa vy’ukuri, n’uko Qor’ani ari ukuri kudahinyuzwa![10].
[10] Mu bamenyi bo muri Bene Israyeli, ni uwitwa Abdu llaahi mwene Salaam, yahavuye yemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
التفاسير:
198:26
وَلَوۡ نَزَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ بَعۡضِ ٱلۡأَعۡجَمِينَ
N'iyo Twebwe Allah Tumanurira Qor’ani bamwe mu batavuga ururimi rw’icarabu;