ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي

سورة طه - Twaa Haa

external-link copy
1 : 20

طه

Twaa Haa[1]. info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 20

مَآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ لِتَشۡقَىٰٓ

Ntumwa y’Imana! Ntitwakumanuriye Qor’ani kugira ngo ikubere amananiza mu vyo ukora; info
التفاسير:

external-link copy
3 : 20

إِلَّا تَذۡكِرَةٗ لِّمَن يَخۡشَىٰ

Ariko Twayikumanuriye kugira ibe inyigisho n’urwibutso ku wutinya ibihano vy’Imana Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 20

تَنزِيلٗا مِّمَّنۡ خَلَقَ ٱلۡأَرۡضَ وَٱلسَّمَٰوَٰتِ ٱلۡعُلَى

Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Allah Yaremye isi n’amajuru ahanitse mu kirere; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 20

ٱلرَّحۡمَٰنُ عَلَى ٱلۡعَرۡشِ ٱسۡتَوَىٰ

Nyenimpuhwe Allah Ahangamiye hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwiwe "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro ciwe. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 20

لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَمَا تَحۡتَ ٱلثَّرَىٰ

Ni We Rugaba Agaba Akaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, hamwe n’ibiri mu kuzimu. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 20

وَإِن تَجۡهَرۡ بِٱلۡقَوۡلِ فَإِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلسِّرَّ وَأَخۡفَى

Ntumwa y’Imana! Niwaserura ijambo canke ukongorera, uramenya ko Imana Allah ata co Itazi; ni ukuri, Irazi neza ibiri mw’ibanga n’ibihishije mu mishaha. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 20

ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ لَهُ ٱلۡأَسۡمَآءُ ٱلۡحُسۡنَىٰ

Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Ifise amazina meza cane n’amatazirano ayiranga. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 20

وَهَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ

Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru ya Musa mwene Amrani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yava muri Madiyani agana muri Misiri! info
التفاسير:

external-link copy
10 : 20

إِذۡ رَءَا نَارٗا فَقَالَ لِأَهۡلِهِ ٱمۡكُثُوٓاْ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارٗا لَّعَلِّيٓ ءَاتِيكُم مِّنۡهَا بِقَبَسٍ أَوۡ أَجِدُ عَلَى ٱلنَّارِ هُدٗى

Igihe yabona umucanwa waka mw’ijoro, agaca abwira umuryango wiwe bari kumwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa waka, hari n’aho nobazanira igishirira mukota, canke nkahasanga umuntu yotuzimurura akatwereka inzira”. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 20

فَلَمَّآ أَتَىٰهَا نُودِيَ يَٰمُوسَىٰٓ

Musa amaze gushika aho yabonye nya mucanwa, yarahamagawe n’Imana Allah Iti: “Ewe Musa! info
التفاسير:

external-link copy
12 : 20

إِنِّيٓ أَنَا۠ رَبُّكَ فَٱخۡلَعۡ نَعۡلَيۡكَ إِنَّكَ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوٗى

Mu vy’ukuri, ni Jewe Imana yawe Rurema Allah, enda nyabuna rero, kura ibirato vyawe wambaye; mu vy’ukuri, aha uri mu kabande “Twuwa” gahezagiwe; info
التفاسير: