Ni ho rero bava kuri nya buye barabandanya urugendo, bageze imbere Musa yumva inzara imwishe, maze abwira umukozi wiwe Yuusha’u mwene Nuuni ati: “Zana imfungurwa twivune inzara, ni ukuri uru rugendo ruraturuhije pe!”.
Musa aramubwira ati: “Ivyo vyashitse rero, ni co kimenyetso twarondera kidushikana aho umuja mweranda ari”. Ni ho rero basubira inyuma bagenda bakurikira ibirenge gushika kuri nya buye.
Ni ho rero bafatanya urugendo ku nkengera z’ibahari, haza ubwato maze barasaba ko bobunguruza. Bamaze kwurira muri nya bwato, Khadwiri aca yomora urubaho kuri nya bwato. Musa aca avuga n’ishavu n’akantu, ati: “Wononye ubu bwato kugira butwarwe hamwe n’abarimwo, kandi batwunguruje ata co turinze kuriha! Ni ukuri, ugize ikintu kibi cane ntashobora kwihanganira ngo ndacemere!”.
Khadwiri araheza arababarira Musa maze barabandanya urugendo ku nkengera z’ibahari, ni ho babona imisore igeze mu bigero, maze Khadwiri afata umwe muri nya misore aca aramwica. Musa n’ishavu n’akantu aca abwira Khadwiri ati: “Vyoshoboka gute ko wica umusore ataragera kubazwa ku vyo akora, kandi ata n’uwo yishe ngo ahanishwe igihano co kwicwa! Ni ukuri, ugize ikintu kibi, kizira cane!”.