ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي

رقم الصفحة:close

external-link copy
43 : 16

وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ إِلَّا رِجَالٗا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِمۡۖ فَسۡـَٔلُوٓاْ أَهۡلَ ٱلذِّكۡرِ إِن كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo, batari mu bamalayika, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo nimwaba mutazi ko vyari ukwo[336]. info

[336] Iyi Aayah isaba umuntu wese afise akamubakiye mw’idini, ko ategerezwa kubaza abamenyi babushitse.

التفاسير:

external-link copy
44 : 16

بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلزُّبُرِۗ وَأَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلذِّكۡرَ لِتُبَيِّنَ لِلنَّاسِ مَا نُزِّلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَعَلَّهُمۡ يَتَفَكَّرُونَ

Intumwa z’aho hambere rero, Twazirungikana ivyemezo bitomoye hamwe n’Ibitabu. Ntumwa y’Imana! Na we nyene, Twakumanuriye Qor’ani kugira utomorere abantu amabwirizwa y’ivyo bahishuriwe, kugira ngo biyumvire baheze batahure nya mabwirizwa banayubahirize. info
التفاسير:

external-link copy
45 : 16

أَفَأَمِنَ ٱلَّذِينَ مَكَرُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ أَن يَخۡسِفَ ٱللَّهُ بِهِمُ ٱلۡأَرۡضَ أَوۡ يَأۡتِيَهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ

Mbega burya abagarariji batega imitego abemeramana, boba batekaniwe ku Mana Allah, ko Itobafuririra mu kuzimu nk’uko Yafuriye Qaaruuni! Canke ko batoshikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze!; info
التفاسير:

external-link copy
46 : 16

أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ فِي تَقَلُّبِهِمۡ فَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ

Canke bagashikirwa n’ibihano giturumbuka, bari mu kwishira no kwizana[337]! Nta ho rero bohungira ibihano vy’Imana Allah, canke ngo bayinanire Ishatse kubahana; info

[337] Canke ko Imana Allah Itobahanisha gukehanirwa mu matungo n’umwimbu, no kubura ababo.

التفاسير:

external-link copy
47 : 16

أَوۡ يَأۡخُذَهُمۡ عَلَىٰ تَخَوُّفٖ فَإِنَّ رَبَّكُمۡ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٌ

Canke boba batekaniwe ku Mana Allah ko Itobahana mu gihe bafise impungenge zo guhanwa! Burya rero Imana Allah, ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
48 : 16

أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَىٰ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ مِن شَيۡءٖ يَتَفَيَّؤُاْ ظِلَٰلُهُۥ عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَٱلشَّمَآئِلِ سُجَّدٗا لِّلَّهِ وَهُمۡ دَٰخِرُونَ

Mbega abagarariji ntibaraba ivyaremwe n’Imana Allah bifise igitutu; nk’imisozi n’ibiti, ngo babone ko igitutu cavyo hari igihe gihengamira iburyo canke ibubamfu, gikurikije uruhande izuba ririko ku murango, n’uruhande ukwezi kuriko mw’ijoro, vyose bikaba vyicisha bugufi ku Mana yavyo Allah, kandi vyubahiriza n’itegeko ryayo! info
التفاسير:

external-link copy
49 : 16

وَلِلَّهِۤ يَسۡجُدُۤ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ مِن دَآبَّةٖ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَهُمۡ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ

Ibigendagenda biri mu majuru n’ibiri mw’isi, vyose vyubamira Imana Allah; n’abamalayika nyene[338] bubamira Imana Allah, kandi ntibagira amanyama ngo bareke kwicisha bugufi kuri Yo; info

[338] Imana Allah muri iyi Aayah, Yadomyeko urutoke abamalayika kandi na bo baharurwa mu bigendagenda, ku kubera ubwinshi bwabo n’icubahiro bafise kuri Yo.

التفاسير:

external-link copy
50 : 16

يَخَافُونَ رَبَّهُم مِّن فَوۡقِهِمۡ وَيَفۡعَلُونَ مَا يُؤۡمَرُونَ۩

Batinya Imana yabo Rurema Allah Iri hejuru yabo[339] mu cubahiro n’amatazirano yayo, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe na Yo. info

[339] Iyi Aayah, irerekana ko Imana Allah Iri hejuru y’ibiremwa mu bumana bwayo nk’uko biyikwiye.

التفاسير:

external-link copy
51 : 16

۞ وَقَالَ ٱللَّهُ لَا تَتَّخِذُوٓاْ إِلَٰهَيۡنِ ٱثۡنَيۡنِۖ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ فَإِيَّٰيَ فَٱرۡهَبُونِ

Imana Allah Yavuze Ibwira abaja bayo Iti: “Ntimukagire imana zibiri musenga, ahubwo Imana mukwiye gusenga, ni Imwe Rudende Allah, ni Jewe gusa rero mukwiye gutinya”. info
التفاسير:

external-link copy
52 : 16

وَلَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَهُ ٱلدِّينُ وَاصِبًاۚ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَتَّقُونَ

Imana Allah ni na Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru no mw’isi vyose; ni na Yo rero Ikwiye gusengwa no kugamburukirwa muri vyose. Aho nyene murabona ko mukwiye gusenga no kugamburukira ikitari Imana Allah! info
التفاسير:

external-link copy
53 : 16

وَمَا بِكُم مِّن نِّعۡمَةٖ فَمِنَ ٱللَّهِۖ ثُمَّ إِذَا مَسَّكُمُ ٱلضُّرُّ فَإِلَيۡهِ تَجۡـَٔرُونَ

Bantu! Inema iyo ari yo yose rero mufise[340], ikomoka ku Mana Allah; hanyuma iyo mukozweko n’icago c’indwara, c'igeragezwa n’ic’amapfa, ni kuri Yo nyene mugarukako mugatakamba muyiganyira ngo Ikibakureko; info

[340] Inema iyo ari yo yose ishingiye ku kuba umugororotsi, ku kuroranirwa mu magara, ku kuronswa ibikubeshaho n’ibibondo, n’ibindi.

التفاسير:

external-link copy
54 : 16

ثُمَّ إِذَا كَشَفَ ٱلضُّرَّ عَنكُمۡ إِذَا فَرِيقٞ مِّنكُم بِرَبِّهِمۡ يُشۡرِكُونَ

Mu nyuma Yamara kubakurako nya cago, muri mwebwe hakavamwo umugwi uca usubira kandi kubangikanya Imana yawo Rurema Allah; info
التفاسير: