[325] Muri iyi Aayah abagore, Imana Allah Yabise abakobwa ba Luutwi kuko Intumwa yarungitswe ku bantu, ifatwa nka se wabo.
[326] Imana Allah Irarahira ku kintu ico ari co cose Ishatse, mu ntumbero yo kwerekana icubahiro ca nya kintu. Nayo umuntu, ntarekuriwe kurahira ku kintu na kimwe mu biremwa, arahira gusa kw’izina ry’Imana Allah.
[327] Ni abantu bo mu bwoko bwa Thamuudi, baba mu kabande kitwa Hijiri, ako kabande kari mu buraruko bushira uburengero bwa Saudiya.
[328] Ukugarariza Intumwa imwe ni nk’ukugarariza Intumwa zose kuko idini ryazo ni rimwe, zarungitswe n’Imana Imwe.