《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。

external-link copy
35 : 6

وَإِن كَانَ كَبُرَ عَلَيۡكَ إِعۡرَاضُهُمۡ فَإِنِ ٱسۡتَطَعۡتَ أَن تَبۡتَغِيَ نَفَقٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ أَوۡ سُلَّمٗا فِي ٱلسَّمَآءِ فَتَأۡتِيَهُم بِـَٔايَةٖۚ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَمَعَهُمۡ عَلَى ٱلۡهُدَىٰۚ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡجَٰهِلِينَ

Ntumwa y’Imana! Niwaremerwa n’igarariza ryabo ryo kutakwumvira, uraheza wihangane. Usangwa ushobora guca inzira ica mu kuzimu, canke ukurira ingazi igushikana mw’ijuru, maze ukabazanira icemezo cerekana ukuri ku vyo ushikiriza, kitari mu vyo Twaguhishuriye, urakizana. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubashoboza bose kuba abagororotsi, ariko rero ntiyabigize ukwo ku mvo zizwi gusa na Yo. Kubera ivyo rero, ntukabe mu bantu badatahura Imana Allah, bicwa n’intuntu bakihebura. info
التفاسير: