《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。

页码:close

external-link copy
52 : 4

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ لَعَنَهُمُ ٱللَّهُۖ وَمَن يَلۡعَنِ ٱللَّهُ فَلَن تَجِدَ لَهُۥ نَصِيرًا

Abo bavuga ukwo, ni bo rero bavumwe n’Imana Allah, burya uwuvumwe n’Imana Allah, ntuzokwigera umuronkera umutabazi amukingira ibihano vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
53 : 4

أَمۡ لَهُمۡ نَصِيبٞ مِّنَ ٱلۡمُلۡكِ فَإِذٗا لَّا يُؤۡتُونَ ٱلنَّاسَ نَقِيرًا

Ahubwo none, burya boba bafise umugabane w’ubwami bahawe! Abari aho, iyo bahabwa umugabane w’ubwami, ntibari kugira n’umwe mu bantu baha akantu ide kangana n’agahere kari ku mugongo w’urutete rw’itende [92]. info

[92] Kangana n’urutete rw’ururo.

التفاسير:

external-link copy
54 : 4

أَمۡ يَحۡسُدُونَ ٱلنَّاسَ عَلَىٰ مَآ ءَاتَىٰهُمُ ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦۖ فَقَدۡ ءَاتَيۡنَآ ءَالَ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَءَاتَيۡنَٰهُم مُّلۡكًا عَظِيمٗا

Ahubwo none, burya boba basharika Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku nema y’ubutumwa yahawe n’Imana Allah, bagasharika n’ingendanyi zayo ku nema yo gushobozwa kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, no gutsimbatazwa kw’isi, gutyo bigatuma babipfuriza guhuba! Ni ukuri Twebwe Allah Twarahaye uruvyaro rw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Ibitabu n’izindi nyigisho zitanditswe, Twaranaruhaye hamwe n’ivyo, ubwami buhambaye. info
التفاسير:

external-link copy
55 : 4

فَمِنۡهُم مَّنۡ ءَامَنَ بِهِۦ وَمِنۡهُم مَّن صَدَّ عَنۡهُۚ وَكَفَىٰ بِجَهَنَّمَ سَعِيرًا

Mu bayahudi rero, harimwo abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) baranakurikiza amabwirizwa y’ubwislamu, hakabamwo rero n’abandi bayirengagije ntibayemera, baranaburagiza abantu kuyikurikira. Barakwiye rero guhanishwa umuriro ururumba wa Jahannamu. info
التفاسير:

external-link copy
56 : 4

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا سَوۡفَ نُصۡلِيهِمۡ نَارٗا كُلَّمَا نَضِجَتۡ جُلُودُهُم بَدَّلۡنَٰهُمۡ جُلُودًا غَيۡرَهَا لِيَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَزِيزًا حَكِيمٗا

Mu vy’ukuri, abagararije bagahakana bivuye inyuma Aayah Twamanuye mu Gitabu hamwe n’ivyemezo vyacu, Tuzobinjiza mu muriro maze bawote, uko uruhu (irukoba) rw’imibiri yabo ruhiye rugashishuka, ni ko Tuzobaremera urundi ruhu, kugira babandanye guhonja ibihano ku bindi. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora. info
التفاسير:

external-link copy
57 : 4

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ سَنُدۡخِلُهُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدٗاۖ لَّهُمۡ فِيهَآ أَزۡوَٰجٞ مُّطَهَّرَةٞۖ وَنُدۡخِلُهُمۡ ظِلّٗا ظَلِيلًا

Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, Tuzobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa n’ibiti vyaho hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Bazoba banafiseyo abakenyezi basukuye batagira akanenge, Tuzonabugamika mu gatutu gapfutse katigera karenga. info
التفاسير:

external-link copy
58 : 4

۞ إِنَّ ٱللَّهَ يَأۡمُرُكُمۡ أَن تُؤَدُّواْ ٱلۡأَمَٰنَٰتِ إِلَىٰٓ أَهۡلِهَا وَإِذَا حَكَمۡتُم بَيۡنَ ٱلنَّاسِ أَن تَحۡكُمُواْ بِٱلۡعَدۡلِۚ إِنَّ ٱللَّهَ نِعِمَّا يَعِظُكُم بِهِۦٓۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ سَمِيعَۢا بَصِيرٗا

Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibategeka kubungabunga imbitso z’ubwoko bwose mukazisubiza bene zo nk’uko mwazibikijwe, Ikanabategeka gutunganiriza abantu ata nkunzi mu gihe mubaciriye urubanza. Mu vy’ukuri, ni vyiza cane ivyo Imana Allah Ibahanura. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona ivyo mukora. info
التفاسير:

external-link copy
59 : 4

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُواْ ٱلرَّسُولَ وَأُوْلِي ٱلۡأَمۡرِ مِنكُمۡۖ فَإِن تَنَٰزَعۡتُمۡ فِي شَيۡءٖ فَرُدُّوهُ إِلَى ٱللَّهِ وَٱلرَّسُولِ إِن كُنتُمۡ تُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ وَأَحۡسَنُ تَأۡوِيلًا

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah ntimukagabitanye, mwumvire n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu vyo ibashikirije, muheze mwumvire n’indongozi muri mwebwe mu bidaciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah. Nimwahazana ku ngingo y’ikintu ico ari co cose, muraca mugaruka ku ngingo iri mu Gitabu c’Imana Allah n’inyigisho z’intumwa nimwaba mwemera vy’ukuri Imana Allah n’umusi w’iherezo. Ivyo, ni vyo vyiza cane kuri mwebwe ha guhazana, ni na yo ngingo ibereye ha kwisunga ivyiyumviro vyanyu mu gufata ingingo. info
التفاسير: