[2] Ivyo babivuga batebura ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu ntumbero yo guhakana no kwiyamiriza ko ata zurwa ry’ibiremwa ribaho.
[3] Umuryango wa Dawudi rero, wari muri abo baja bake bashimira cane Imana Allah.
[4] Iyi Aayah, iremeza ko Amajini atazi na kimwe mu binyegejwe ibiremwa “ILMU L-GHAYB”, kuko iyo Amajini aba azi ibinyegejwe ibiremwa, Amajini yakoreshwa na Sulayimani aba yaramenye ubwayo urupfu rwa Sulayimani, agaheza akareka kuguma mu bikorwa, yibaza ko Sulayimani aho yari ahagaze yishimikije inkoni, ayabona kandi yari yapfuye kera.