《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。

页码:close

external-link copy
38 : 3

هُنَالِكَ دَعَا زَكَرِيَّا رَبَّهُۥۖ قَالَ رَبِّ هَبۡ لِي مِن لَّدُنكَ ذُرِّيَّةٗ طَيِّبَةًۖ إِنَّكَ سَمِيعُ ٱلدُّعَآءِ

Aho ni ho rero Zakariya yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa umwana mweranda ahezagiwe, mu vy’ukuri Wewe Uri Nyenukwumva, Urumva igisabisho c’uwugusaba”; info
التفاسير:

external-link copy
39 : 3

فَنَادَتۡهُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَهُوَ قَآئِمٞ يُصَلِّي فِي ٱلۡمِحۡرَابِ أَنَّ ٱللَّهَ يُبَشِّرُكَ بِيَحۡيَىٰ مُصَدِّقَۢا بِكَلِمَةٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَسَيِّدٗا وَحَصُورٗا وَنَبِيّٗا مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ

Abamalayika baca baramuhamagara akiri ha handi nyene asengera bamubwira bati: “Imana Allah Iraguhaye inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahaya, aheze ashimangire Jambo Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) arungitswe n’Imana Allah, kandi azoba inararibonye mu bumenyi n’ubwitonzi yubahwe, yongere abe intakoravyaha n’Umuvugishwamana mu beranda. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 3

قَالَ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَٰمٞ وَقَدۡ بَلَغَنِيَ ٱلۡكِبَرُ وَٱمۡرَأَتِي عَاقِرٞۖ قَالَ كَذَٰلِكَ ٱللَّهُ يَفۡعَلُ مَا يَشَآءُ

Zakariya n’umunezero n’akantu, yaritangaje ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nokwibaruka ikibondo mu busaza n’umukenyezi wanje akaba ari ingumba!”. Imana Allah Imwishura Iti: “Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Ikora ivyo Ishaka mu bitangaro”. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 3

قَالَ رَبِّ ٱجۡعَل لِّيٓ ءَايَةٗۖ قَالَ ءَايَتُكَ أَلَّا تُكَلِّمَ ٱلنَّاسَ ثَلَٰثَةَ أَيَّامٍ إِلَّا رَمۡزٗاۗ وَٱذۡكُر رَّبَّكَ كَثِيرٗا وَسَبِّحۡ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِبۡكَٰرِ

Zakariya yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yibungenze”. Imana Allah Imwishura Iti: “Ikimenyetso uzobimenyerako ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu bidaturutse ku ndwara mu kiringo c’imisi itatu kiretse mu gukoresha ibimenyetso gusa, muri ico gihe rero uraninahaza wongere utazire cane Imana yawe Rurema Allah, wongere unasenge umugoroba n’igitondo. info
التفاسير:

external-link copy
42 : 3

وَإِذۡ قَالَتِ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يَٰمَرۡيَمُ إِنَّ ٱللَّهَ ٱصۡطَفَىٰكِ وَطَهَّرَكِ وَٱصۡطَفَىٰكِ عَلَىٰ نِسَآءِ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Yaragutoye ngo uyiyegurire, Iranakweza ingeso mbi z’ubwoko bwose, Iranagutora Iguha icubahiro mu bakenyezi bose mu gihe cawe; info
التفاسير:

external-link copy
43 : 3

يَٰمَرۡيَمُ ٱقۡنُتِي لِرَبِّكِ وَٱسۡجُدِي وَٱرۡكَعِي مَعَ ٱلرَّٰكِعِينَ

Ewe Mariyamu! Shishikara rero wicisha bugufi ku Mana yawe Rurema Allah, wongere wubame, ununame hamwe n’abunama mu gushima inema wahawe”. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 3

ذَٰلِكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ ٱلۡغَيۡبِ نُوحِيهِ إِلَيۡكَۚ وَمَا كُنتَ لَدَيۡهِمۡ إِذۡ يُلۡقُونَ أَقۡلَٰمَهُمۡ أَيُّهُمۡ يَكۡفُلُ مَرۡيَمَ وَمَا كُنتَ لَدَيۡهِمۡ إِذۡ يَخۡتَصِمُونَ

Ntumwa y’Imana! Izo rero ni zimwe mu nkuru z’ibinyegejwe ibiremwa Tuguhishuriye, kuko muri ico gihe si ho wari uri igihe batata baharira ku wukwiye kurera Mariyamu, maze bagahitamwo kugira itombora mu guterera hasi ikaramu zabo kugira bamenye muri bo uwukwiye kumurera, gutyo Zakariya aba ari we atsindira kumurera. info
التفاسير:

external-link copy
45 : 3

إِذۡ قَالَتِ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يَٰمَرۡيَمُ إِنَّ ٱللَّهَ يُبَشِّرُكِ بِكَلِمَةٖ مِّنۡهُ ٱسۡمُهُ ٱلۡمَسِيحُ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ وَجِيهٗا فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ وَمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ

Muvugishwamana! Si n’aho wari uri igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Iraguha inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana azosamwa imbanyi kw’ijambo[8] rivuye kuri Yo. Amaze kuvuka rero akazokwitwa Masihi[9] Isa mwene Mariyamu, azokwubahwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Azoba ari no mu batonye ku Mana Allah ku musi w’izuka; info

[8] Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yiswe Jambo kuko yibungenzwe ku bushobozi bw’ijambo rivuye ku Mana Allah.
[9] Yasizwe imigisha.

التفاسير: