[40] Aho ni mu gihe umuntu yorahira kw’Izina ry’Imana Allah kudakora kimwe muri ivyo bidondaguwe, ntibishemeye namba ko yoreka kubikora yitwaza ko adakwiye kurenga ku ndahiro, ahubwo araheza agakora nya vyiza, hanyuma akagira icuhagizo co kurenga ku ndahiro, agaheza rero agafungurira canke akambika abakene cumi, canke agaha ubwigenge umugurano, canke rero agapfunga imisi itatu.