[14] Amajuru n'isi bivugwa ng'aha, ni amajuru n'isi vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa, aho aya majuru n'isi vyo mu buzima bwo kw'isi, bizosubirizwa ayandi majuru n'isi. Imana Allah Ivuga Iti: "Umusi isi izosubirizwa iyindi si yera nk’umwakaka, n’amajuru agasubirizwa ayandi majuru, maze ibiremwa vyose bigasokoroka mu kuzimu bidora, bikarenguka imbere y’Imana Allah, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere" (Igisomwa Ibrahimu: 48).