Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti

Numero ng Pahina:close

external-link copy
87 : 9

رَضُواْ بِأَن يَكُونُواْ مَعَ ٱلۡخَوَالِفِ وَطُبِعَ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَفۡقَهُونَ

Indyarya zashimye kuba imburakimazi mu kugumana n’abarekuriwe kutaja guharanira idini, ku mitima yazo haratewe ikimangu c’ubugarariji, ku kubera uburyarya no kutajana n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku rugamba, ntizinatahura namba indishi zagenewe abaharanira idini ry’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
88 : 9

لَٰكِنِ ٱلرَّسُولُ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥ جَٰهَدُواْ بِأَمۡوَٰلِهِمۡ وَأَنفُسِهِمۡۚ وَأُوْلَٰٓئِكَ لَهُمُ ٱلۡخَيۡرَٰتُۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ

Indyarya n’aho zitojana n’Intumwa ku rugamba, Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’abemeramana bari kumwe, baraharaniye idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, abo ni bo bategekanirijwe intsinzi n’iminyago kw’isi, bakazoterwa n’iteka ryo kuja mu Bwami bw’ijuru; abo, ni na bo rero baronse intsinzi; info
التفاسير:

external-link copy
89 : 9

أَعَدَّ ٱللَّهُ لَهُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ

Imana Allah Yarabategekanirije ku musi w’izuka imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye. info
التفاسير:

external-link copy
90 : 9

وَجَآءَ ٱلۡمُعَذِّرُونَ مِنَ ٱلۡأَعۡرَابِ لِيُؤۡذَنَ لَهُمۡ وَقَعَدَ ٱلَّذِينَ كَذَبُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥۚ سَيُصِيبُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ

Bamwe mu banyagihugu bo mu micungararo y’igisagara ca Madina, baraje kwisigura ku Ntumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), basaba ko batojana na yo ku rugamba kugira ibarekurire gusiba; maze abahakanye Imana Allah n’Intumwa yayo, baraheza bigumira mu zabo ku kagagazo, ntibaja kwisigura ku Ntumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abagararije rero muri bo, bazohanishwa ibihano bibabaza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
91 : 9

لَّيۡسَ عَلَى ٱلضُّعَفَآءِ وَلَا عَلَى ٱلۡمَرۡضَىٰ وَلَا عَلَى ٱلَّذِينَ لَا يَجِدُونَ مَا يُنفِقُونَ حَرَجٌ إِذَا نَصَحُواْ لِلَّهِ وَرَسُولِهِۦۚ مَا عَلَى ٱلۡمُحۡسِنِينَ مِن سَبِيلٖۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Abaje kwisigura ku Ntumwa mu bafise intege nke, abakitswe n’amagara, eka n’abakene badashoboye kwitegurira kuja ku rugamba, nta caha kuri bo co gusiba ku rugamba mu gihe bokweza imitima ku bw’Imana Allah n’Intumwa yayo, bakanubahiriza amabwirizwa yayo, nta kuntu rero abagwaneza nk’abo bohanwa; burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
92 : 9

وَلَا عَلَى ٱلَّذِينَ إِذَا مَآ أَتَوۡكَ لِتَحۡمِلَهُمۡ قُلۡتَ لَآ أَجِدُ مَآ أَحۡمِلُكُمۡ عَلَيۡهِ تَوَلَّواْ وَّأَعۡيُنُهُمۡ تَفِيضُ مِنَ ٱلدَّمۡعِ حَزَنًا أَلَّا يَجِدُواْ مَا يُنفِقُونَ

Ntumwa y’Imana! Eka nta n’icaha ku baje bakugana bashaka ko ubafasha icobashikana ku rugamba, maze ukababwira uti: “Nta bitwazi noronka vyobashikana ku rugamba!”, bagaca basubira inyuma amosozi yicunda bishwe n’agahinda n’akantu ko kutagira ico batanga n’icobashikana ku rugamba. info
التفاسير:

external-link copy
93 : 9

۞ إِنَّمَا ٱلسَّبِيلُ عَلَى ٱلَّذِينَ يَسۡتَـٔۡذِنُونَكَ وَهُمۡ أَغۡنِيَآءُۚ رَضُواْ بِأَن يَكُونُواْ مَعَ ٱلۡخَوَالِفِ وَطَبَعَ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, icaha no kunebagurwa ku kutaja ku rugamba, ni ku bagusaba kurusibako kandi bishoboye batanabuze ikibashikanayo. Abo, ni indyarya zashimye kugumana n’abarekuriwe kutaja guharanira idini ry’Imana Allah, Imana Allah na Yo Ica Itera ikimangu c’uburyarya ku mitima yazo, bituma zitamenya ibihano bizirindiriye. info
التفاسير: