[32] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 (Dhu l-Qa’da), n’ukwa 12 (Dhu l-Hijja), n’ukwa 1 (Muharram), hamwe n’ukwa 7 (Rajab) ku kirangamisi c’ikislamu.
[33] Nko gufata ingingo zikingira ibiremwa kutarenganya ibindi.
[34] Mu ndishi rero, umugarariji ntangana n’umwemeramana; ikigaba ntikingana n’umwumviramana; ikijuju ntikingana n’incabwenge mu butore; uwadukana bishasha mw’idini ntangana n’uwukurikira inyigisho ata co yongeyeko; ibizira mu matungo ntivyubahwa co kimwe n’ibirekuwe muri yo.
[35] Nko kubaza ingingo yerekeye ibintu bitigera bibaho, canke kubaza ingingo yerekeye ibintu mu gihe yotomorwa yobaberamwo amananiza; nk’igihe Al-Aqra’u mwene Haabisi yabaza ko ugushengerera ingoro ntagatifu ari ku mwaka ku mwaka. Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ikamwishura iti: “Iyo nishura nti: “Ego cane!”, ryaca riba itegeko ko mushengerera ingoro ntagatifu uko umwaka utashe, kandi ntimwari kubishobora namba”.
[36] Carazira kuyurira no kuyikoresha ikintu na kimwe.