Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti

external-link copy
69 : 39

وَأَشۡرَقَتِ ٱلۡأَرۡضُ بِنُورِ رَبِّهَا وَوُضِعَ ٱلۡكِتَٰبُ وَجِاْيٓءَ بِٱلنَّبِيِّـۧنَ وَٱلشُّهَدَآءِ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ

Isi rero izoheza iboneshwe n’umuco w’Imana yayo Rurema Allah, igihe Yigaragaje mu gutunganiriza ibiremwa, maze abamalayika bace bugurura igitabu c’umwumwe wese muri vyo; Abavugishwamana na bo hamwe n’ivyabona vyagiriza umugwi wose w’abantu, baheze barengutswe kugira bagirize umugwi umwumwe w’abantu; maze Imana Allah Ibacire urugororotse vy’ukuri, eka ntibazorenganywa namba. info
التفاسير: