Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti

Numero ng Pahina:close

external-link copy
37 : 24

رِجَالٞ لَّا تُلۡهِيهِمۡ تِجَٰرَةٞ وَلَا بَيۡعٌ عَن ذِكۡرِ ٱللَّهِ وَإِقَامِ ٱلصَّلَوٰةِ وَإِيتَآءِ ٱلزَّكَوٰةِ يَخَافُونَ يَوۡمٗا تَتَقَلَّبُ فِيهِ ٱلۡقُلُوبُ وَٱلۡأَبۡصَٰرُ

Igaheza Ikaninahazwa Igatazirwa n’abagabo batigera basamazwa n’urudandazwa, canke n’amasezerano bagiranira y’ubuguzi ngo bibakure kw’ininahaza n’itaziramana no gutsimbaza isengesho no gutanga ishikanwa-bwirizwa. Ivyo vyose rero, bakabikora batinya ibihano vyo ku musi w’izuka, igihe ibiremwa vyaturumbuye amaso bigahungabana imitima; info
التفاسير:

external-link copy
38 : 24

لِيَجۡزِيَهُمُ ٱللَّهُ أَحۡسَنَ مَا عَمِلُواْ وَيَزِيدَهُم مِّن فَضۡلِهِۦۗ وَٱللَّهُ يَرۡزُقُ مَن يَشَآءُ بِغَيۡرِ حِسَابٖ

Kugira Imana Allah Ibahembe indishi nziza ibereye ku vyiza bakoze, Iheze Ibongerereze no mu mpano zayo mu kugwirizwa indishi. Burya Imana Allah, Ironsa uwo Ishatse indishi irengeye kure cane ibikorwa yakoze Itarinze no kumuharurira. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 24

وَٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَعۡمَٰلُهُمۡ كَسَرَابِۭ بِقِيعَةٖ يَحۡسَبُهُ ٱلظَّمۡـَٔانُ مَآءً حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَهُۥ لَمۡ يَجِدۡهُ شَيۡـٔٗا وَوَجَدَ ٱللَّهَ عِندَهُۥ فَوَفَّىٰهُ حِسَابَهُۥۗ وَٱللَّهُ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ

Nayo abagararije Imana yabo Rurema Allah bagahakana bivuye inyuma Intumwa zayo, ibikorwa vyabo bibwira ko bizobungura mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bizobabera impfagusa; nk’icirungu[14] aho uwishwe n’inyota abona mu bugaragwa akiyumvira yihenda ko abonye amazi, ariko yamara kuhashika agasanga nta n’ima ry’amazi ryahigeze. Ni nk’ukwo nyene rero umugarariji azosanga ivyo yakoze ku musi w’izuka vyamubereye impfagusa, ata n’ico vyomwungura, aheze ahasange Imana Allah Iheze Imuhembere ivyo yakoze ata karenganyo. Burya Imana Allah, Iranyarutsa mu guharurira ibiremwa; info

[14] Icirungu, ni kurya kuntu ubona ibuheramaso nk’uko hoba hari amazi, ariko wamara kuhagera ntuhasange nya mazi.

التفاسير:

external-link copy
40 : 24

أَوۡ كَظُلُمَٰتٖ فِي بَحۡرٖ لُّجِّيّٖ يَغۡشَىٰهُ مَوۡجٞ مِّن فَوۡقِهِۦ مَوۡجٞ مِّن فَوۡقِهِۦ سَحَابٞۚ ظُلُمَٰتُۢ بَعۡضُهَا فَوۡقَ بَعۡضٍ إِذَآ أَخۡرَجَ يَدَهُۥ لَمۡ يَكَدۡ يَرَىٰهَاۗ وَمَن لَّمۡ يَجۡعَلِ ٱللَّهُ لَهُۥ نُورٗا فَمَا لَهُۥ مِن نُّورٍ

Canke nya bikorwa bibabere nka kurya kw’umuzimagiza mw’ibahari rirerire ririmwo imikuba y’urutavanako; hejuru ya nya mikuba hari n’iyindi mikuba; hejuru yayo hari igipfungu c’ibicu vyinshi, gutyo habe umuzimagiza hejuru y’uwundi. Uwugize ngo arasohoye ukuboko muri nya muzimagiza agahakwa kutakubona. Ni nk’ukwo nyene rero abagarariji bari mu muzimagiza w’ubugarariji, hiyongeyeko umuzimagiza w’ubuhuvyi n’uw’ubwononyi. Uwo wese rero adahawe n’Imana Allah umuco w’uburongozi vyayo, ntazogenda aronse umuco umurongora. info
التفاسير:

external-link copy
41 : 24

أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ يُسَبِّحُ لَهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱلطَّيۡرُ صَٰٓفَّٰتٖۖ كُلّٞ قَدۡ عَلِمَ صَلَاتَهُۥ وَتَسۡبِيحَهُۥۗ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِمَا يَفۡعَلُونَ

Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ko ibiremwa vyose biri mu majuru n’isi bininahaza Imana Allah, n’inyoni zikayininahaza zishanje amababa zarara mu kirere! Kimwe cose muri ivyo biremwa rero, Imana Allah Yaracigishije ukuntu kiyisenga kikanayininahaza. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibigirwa n’ibiremwa. info
التفاسير:

external-link copy
42 : 24

وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَإِلَى ٱللَّهِ ٱلۡمَصِيرُ

Imana Allah, ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza amajuru n’isi, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira ku musi w'izuka. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 24

أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ يُزۡجِي سَحَابٗا ثُمَّ يُؤَلِّفُ بَيۡنَهُۥ ثُمَّ يَجۡعَلُهُۥ رُكَامٗا فَتَرَى ٱلۡوَدۡقَ يَخۡرُجُ مِنۡ خِلَٰلِهِۦ وَيُنَزِّلُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن جِبَالٖ فِيهَا مِنۢ بَرَدٖ فَيُصِيبُ بِهِۦ مَن يَشَآءُ وَيَصۡرِفُهُۥ عَن مَّن يَشَآءُۖ يَكَادُ سَنَا بَرۡقِهِۦ يَذۡهَبُ بِٱلۡأَبۡصَٰرِ

Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko Imana Allah Isunika ibicu Ikabiganisha aho Ishatse, hanyuma Ikavyegeranya bimaze gutatana, mu nyuma Ikabigwiriranya bigaheza bikaremera, maze ukabona imvura iraguye ivuye muri nya bicu izananye mu kirere, Ikanatuma n’imvura y’urubura igwa ivuye mu bicu bingana umusozi mu kirere, maze nya mvura ikagwa ahari abo Imana Allah Ishatse ko bayikorako mu biremwa, Igaheza Ikanayihitisha ahari abo Ishatse ku mvo z’ivyagezwe vyayo! Umuco w’umuravyo urabiriza muri nya bicu ku bukari bwawo, uhakwa kumena amaso uwuwuravye. info
التفاسير: