Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti

external-link copy
83 : 18

وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَن ذِي ٱلۡقَرۡنَيۡنِۖ قُلۡ سَأَتۡلُواْ عَلَيۡكُم مِّنۡهُ ذِكۡرًا

Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku nkuru y’umwami mweranda Dhu l-Qarnayini[10]! Bishure uti: “Mpava ndabacira ku mayange inkuru yiwe, iheze ibabere inkebuzo”. info

[10] Dhu l-Qarnayini avugwa ng’aha, ni umwami w’umweranda, akaba yari n’umwislamu w’intungane yahawe ububasha n’Imana Allah bwo gutwara isi guhera mu buseruko gushika mu burengero bwayo, akaba yaranaharaniye gukwiragiza ubwislamu n’ubutungane aho hose yashika kw’isi, akanarwanya n’akarenganyo.

التفاسير: