పవిత్ర ఖురాన్ యొక్క భావార్థాల అనువాదం - కిరుండి అనువాదం - యూసుఫ్ ఘహీతి

పేజీ నెంబరు:close

external-link copy
50 : 54

وَمَآ أَمۡرُنَآ إِلَّا وَٰحِدَةٞ كَلَمۡحِۭ بِٱلۡبَصَرِ

Twebwe Allah, nta tegeko ryacu Duha ikintu ico ari co cose Dushatse ko kiba, kiretse ko Tukibwira ijambo rimwe gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene mu kanya isase nk’ikoma ry’urugohe. info
التفاسير:

external-link copy
51 : 54

وَلَقَدۡ أَهۡلَكۡنَآ أَشۡيَاعَكُمۡ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ

Bagarariji! Ni ukuri, Twarahoneje mu bantu bo hambere, abari bateye nkamwe mu bugarariji. Mbega none, hoba hari uwibuka ukuntu bahonejwe ngo yikebuke! info
التفاسير:

external-link copy
52 : 54

وَكُلُّ شَيۡءٖ فَعَلُوهُ فِي ٱلزُّبُرِ

N’ivyo bagize vyose rero; vyaba ivyiza canke ibibi, biranditswe mu bitabu vy’abamalayika bajejwe kwandika ibikorwa vy’ibiremwa; info
التفاسير:

external-link copy
53 : 54

وَكُلُّ صَغِيرٖ وَكَبِيرٖ مُّسۡتَطَرٌ

N’ico ari co cose bikoze; caba gito canke kinini, kiranditswe, kandi bizogihemberwa. info
التفاسير:

external-link copy
54 : 54

إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَنَهَرٖ

Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’inzuzi zitemba; info
التفاسير:

external-link copy
55 : 54

فِي مَقۡعَدِ صِدۡقٍ عِندَ مَلِيكٖ مُّقۡتَدِرِۭ

Bari mu cicaro c’ukuri kitigera kiyagirwamwo ibintu vy’imburakimazi, bari ku Mana Allah, Mwamiwabami, Rushoboravyose. info
التفاسير: