పవిత్ర ఖురాన్ యొక్క భావార్థాల అనువాదం - కిరుండి అనువాదం - యూసుఫ్ ఘహీతి

పేజీ నెంబరు:close

external-link copy
148 : 4

۞ لَّا يُحِبُّ ٱللَّهُ ٱلۡجَهۡرَ بِٱلسُّوٓءِ مِنَ ٱلۡقَوۡلِ إِلَّا مَن ظُلِمَۚ وَكَانَ ٱللَّهُ سَمِيعًا عَلِيمًا

Imana Allah ntikunda na gato ko umuntu aserura ijambo ribi, kiretse ku warenganijwe, uyo ararekuriwe guserura ububi bw’uwamurenganije kugira arenganurwe. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura, Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo muhisha mu mitima yanyu. info
التفاسير:

external-link copy
149 : 4

إِن تُبۡدُواْ خَيۡرًا أَوۡ تُخۡفُوهُ أَوۡ تَعۡفُواْ عَن سُوٓءٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَفُوّٗا قَدِيرًا

Mu gihe mwogaragaza igikorwa ciza canke mukakigirira mu mpisho, canke mukagaragaza ikibi c’uwabagiriye nabi murondera kurenganurwa, canke mukamuharira nya kibi, ari na vyo vyiza cane, muramenya ko Imana Allah Yamye ari Nyenuguhariribicumuro, Mushoboravyose. info
التفاسير:

external-link copy
150 : 4

إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡفُرُونَ بِٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦ وَيُرِيدُونَ أَن يُفَرِّقُواْ بَيۡنَ ٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦ وَيَقُولُونَ نُؤۡمِنُ بِبَعۡضٖ وَنَكۡفُرُ بِبَعۡضٖ وَيُرِيدُونَ أَن يَتَّخِذُواْ بَيۡنَ ذَٰلِكَ سَبِيلًا

Mu vy’ukuri, abagarariza bagahakana bivuye inyuma Imana Allah n’Intumwa zayo, mu bayahudi[22] no mu banaswara[23], bagashaka kuvangura hagati y’Imana Allah n’Intumwa zayo mu kwemera Imana Allah gusa, bagahakana Intumwa zose canke zimwe muri zo, bagaheza bakinamura bati: “Twemera zimwe muri zo tugahakana izindi”, bagashaka kugira iryo vangura mu kwemera inzira n’idini ry’ubuhuvyi badukanye; info

[22] Bemeye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bahakana Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe na Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[23] Bemeye Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) bahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

التفاسير:

external-link copy
151 : 4

أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ حَقّٗاۚ وَأَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٗا مُّهِينٗا

Abo rero, ni bo bagarariji vy’ukuri. Twaranategekanirije abagarariji ibihano bisuzuguza. info
التفاسير:

external-link copy
152 : 4

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ بِٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦ وَلَمۡ يُفَرِّقُواْ بَيۡنَ أَحَدٖ مِّنۡهُمۡ أُوْلَٰٓئِكَ سَوۡفَ يُؤۡتِيهِمۡ أُجُورَهُمۡۚ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمٗا

Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo zose, batigeze banavangura n’imwe muri zo, abo ni bo rero Imana Allah Izohembera ukwemera kwabo. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya mu baja bayo, Nyenimbabazi ku batoni bayo. info
التفاسير:

external-link copy
153 : 4

يَسۡـَٔلُكَ أَهۡلُ ٱلۡكِتَٰبِ أَن تُنَزِّلَ عَلَيۡهِمۡ كِتَٰبٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِۚ فَقَدۡ سَأَلُواْ مُوسَىٰٓ أَكۡبَرَ مِن ذَٰلِكَ فَقَالُوٓاْ أَرِنَا ٱللَّهَ جَهۡرَةٗ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ بِظُلۡمِهِمۡۚ ثُمَّ ٱتَّخَذُواْ ٱلۡعِجۡلَ مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَٰتُ فَعَفَوۡنَا عَن ذَٰلِكَۚ وَءَاتَيۡنَا مُوسَىٰ سُلۡطَٰنٗا مُّبِينٗا

Ntumwa y’Imana! Abayahudi bahawe Igitabu, baragusaba ko wobereka igitangaro cemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ugaheza ukabamanurira Igitabu kivuye ku Mana Allah canditswe nka kurya kw’Imizingo yamanuriwe Intumwa Musa. Ico ntikigutangaze! Kuko ni ukuri ba sekuru barasavye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) igihambaye gusumba ico bagusavye, baraheza bayisaba bati: “Enda twereke Imana Allah duheze tuyibonere ukuri kwamye”, ni ho rero Imana Allah Yaca Ibahanisha umuriro ukabahitana bwa nkuba, bitewe n’ukuntu birenganije mu gusaba ivyo batarekuriwe. Mu nyuma y’aho Imana Allah Ibasubirije ubuzima, bafashe igishusho c’inyana bibumbiye, maze baragisenga, inyuma y’aho bamaze kwibonera Aayah n’ivyemezo bigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Musa ari Intumwa vy’ukuri. Bamaze kwigaya rero, Twebwe Allah Twarabahariye iryo bangikanyamana, Duha n’Intumwa Musa icemezo kigaragara cemeza ko ari Intumwa vy’ukuri; info
التفاسير:

external-link copy
154 : 4

وَرَفَعۡنَا فَوۡقَهُمُ ٱلطُّورَ بِمِيثَٰقِهِمۡ وَقُلۡنَا لَهُمُ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡبَابَ سُجَّدٗا وَقُلۡنَا لَهُمۡ لَا تَعۡدُواْ فِي ٱلسَّبۡتِ وَأَخَذۡنَا مِنۡهُم مِّيثَٰقًا غَلِيظٗا

N’igihe badohoka kw’isezerano bahawe ryo kwubahiriza ibiri muri Tawurati, Twarareruye umusozi “Twuuri” hejuru yabo, Dushoka Tubabwiriza Duti: “Nimwinjire rero mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis mwubamiye Imana Allah, mwicishije bugufi”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi. Twaranababwirije kandi Duti: “Ntimurenge kw’ibwirizwa ryo kutaroba kw’isabato”, baraheza bararirengako. Twaranabahaye isezerano rihambaye bararidohokako. info
التفاسير: