పవిత్ర ఖురాన్ యొక్క భావార్థాల అనువాదం - కిరుండి అనువాదం - యూసుఫ్ ఘహీతి

పేజీ నెంబరు:close

external-link copy
82 : 21

وَمِنَ ٱلشَّيَٰطِينِ مَن يَغُوصُونَ لَهُۥ وَيَعۡمَلُونَ عَمَلٗا دُونَ ذَٰلِكَۖ وَكُنَّا لَهُمۡ حَٰفِظِينَ

Twarashoboje Sulayimani no kwikora ku mashetani, akagira ayo akoresha muri yo mu bikorwa vyo kwibira mw’ibahari kuropora ubutare n’amabuye y’agaciro, no mu guhingura ivyo yipfuza; kandi nya mashetani nta burenganzira yari afise bwo kwanka ivyo ayategetse, kandi Twebwe Allah Twarayamubungabungiye. info
التفاسير:

external-link copy
83 : 21

۞ وَأَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلضُّرُّ وَأَنتَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuja wacu Ayubu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yageragezwa mu vyago vy’indwara z’igihe kirekire, abana bagahwera, amatungo akamuherako, akihanganira ivyo vyose ku bw’Imana Allah, araheza ahamagara Imana yiwe Rurema Allah ayitakambira ati: “Mu vy’ukuri, nakozweko n’ivyago vy’indwara, none rero ndagusavye Mana yanje ubinkureko, kuko Wewe Urangwa n’impuhwe zisumba iz’abagirampuhwe bose”. info
التفاسير:

external-link copy
84 : 21

فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ فَكَشَفۡنَا مَا بِهِۦ مِن ضُرّٖۖ وَءَاتَيۡنَٰهُ أَهۡلَهُۥ وَمِثۡلَهُم مَّعَهُمۡ رَحۡمَةٗ مِّنۡ عِندِنَا وَذِكۡرَىٰ لِلۡعَٰبِدِينَ

Ni ho rero Ayubu, Twamwumvira Turaheza Tumukurako nya vyago, Tunamusubiza ivyo yabuze mu bana n’amatungo bigwijijwe na kabiri, ivyo vyose rero Twabigize ku mpuhwe zacu kugira abere akarorero abiyegereza Imana Allah mu kwihanganira igeragezwa. info
التفاسير:

external-link copy
85 : 21

وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِدۡرِيسَ وَذَا ٱلۡكِفۡلِۖ كُلّٞ مِّنَ ٱلصَّٰبِرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi inkuru ya Ismayili, Idrisa na Dhu l-kifli[14] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), abo bose barihanganira igamburukiramana n’igeragezwa, bituma bayagwa neza n’ibiremwa; info

[14] Umwana wa Ayubu.

التفاسير:

external-link copy
86 : 21

وَأَدۡخَلۡنَٰهُمۡ فِي رَحۡمَتِنَآۖ إِنَّهُم مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ

Turaheza Tubinjiza no mu mpuhwe zacu Twebwe Allah, mu vy’ukuri bari mu beranda bagamburukira Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
87 : 21

وَذَا ٱلنُّونِ إِذ ذَّهَبَ مُغَٰضِبٗا فَظَنَّ أَن لَّن نَّقۡدِرَ عَلَيۡهِ فَنَادَىٰ فِي ٱلظُّلُمَٰتِ أَن لَّآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنتَ سُبۡحَٰنَكَ إِنِّي كُنتُ مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ibuka n’inkuru y’uwigeze kumirwa n’ifi amahanga, Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Twarungitse ku bantu biwe, maze ntibamwumvira, ico gihe yaratwawe n’agashavu araheza ahunga abo yarungitsweko atekewe n’agahinda ko kutumvirwa, yibwira ko Twebwe Allah Tutobimuhora Tukamushira mu kaga, ni ho yagirwa n’isi atamirwa n’ifi amahanga, araheza ahamagara ari mu mwijima w’amoko atatu[15], atakamba yigaya ku kutaguma mu bantu yarungitsweko, avuga ati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Wewe gusa Mana; ininahazwa ni iryawe, mu vy’ukuri nari mu birenganije”. info

[15] Umwijima wo mw’ijoro, umwijima wo mw’ibahari n’umwijima wo mu nda y’ifi.

التفاسير:

external-link copy
88 : 21

فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ وَنَجَّيۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡغَمِّۚ وَكَذَٰلِكَ نُـۨجِي ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ni ho rero Twumvira Yunusu mwene Matta, Turaheza Tumukura muri nya kaga, ni nk’ukwo nyene rero Dukura mu kaga abemeramana vy’ukuri. info
التفاسير:

external-link copy
89 : 21

وَزَكَرِيَّآ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥ رَبِّ لَا تَذَرۡنِي فَرۡدٗا وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡوَٰرِثِينَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Zakariya (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yahamagara Imana yiwe Rurema Allah, ayitakambira ko Yomuronsa umwana inyuma y’aho agereye mu za bukuru, avuga ati: “Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ntungire ingumba ngo nzopfe ata kibondo nsize, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa mu guhagararira bikwiye idini ryawe ninamara gupfa, burya ni Wewe Umwiza wa ba samuragwa. info
التفاسير:

external-link copy
90 : 21

فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ وَوَهَبۡنَا لَهُۥ يَحۡيَىٰ وَأَصۡلَحۡنَا لَهُۥ زَوۡجَهُۥٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ يُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡخَيۡرَٰتِ وَيَدۡعُونَنَا رَغَبٗا وَرَهَبٗاۖ وَكَانُواْ لَنَا خَٰشِعِينَ

Ni ho Zakariya Twamwumvira Turaheza Tumuronsa umwana yitwa Yah-ya, umukenyezi wiwe na we Twaramushoboje gusama imbanyi inyuma y’aho yari ingumba ageze no mu za bukuru. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, abo bose Tukudondaguriye barahurumbira ivyiza, bakanadusaba barajwe ishinga no kuronka inema zacu, batinya n’ibihano vyacu, baranicisha bugufi kuri Twebwe Allah. info
التفاسير: