పవిత్ర ఖురాన్ యొక్క భావార్థాల అనువాదం - కిరుండి అనువాదం - యూసుఫ్ ఘహీతి

Al-Israa-i

external-link copy
1 : 17

سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِيٓ أَسۡرَىٰ بِعَبۡدِهِۦ لَيۡلٗا مِّنَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ إِلَى ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡأَقۡصَا ٱلَّذِي بَٰرَكۡنَا حَوۡلَهُۥ لِنُرِيَهُۥ مِنۡ ءَايَٰتِنَآۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ

Nihaninahazwe Imana Allah Yateye iteka Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Ikamujana ku rugendo rw’ijoro, Imukuye ku musigiti mutagatifu uri i Makka Ikamushikana ku musigiti Al-Aqswa uri mu gisagara ca Bayti l-Maqdis, ahantu Twebwe Allah Twahezagije imirima y’ibiterwa n’ivyamwa bihakikuje, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana, n’ibindi. Twamujanyeyo rero kugira yibonere ukuri kwamye ivyemezo n’ibitangaro vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora. info
التفاسير:

external-link copy
2 : 17

وَءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَٰهُ هُدٗى لِّبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ أَلَّا تَتَّخِذُواْ مِن دُونِي وَكِيلٗا

Musa na we nyene Twamuteye iteka ryo kumuha Igitabu ca Tawurati, maze nya Gitabu Tukigira uburongozi kuri Bene Israyeli, aho Twababwirije Duti: “Ntimukagire umuntu n’umwe umuhagarikizi wanyu mu gishingo canje Jewe Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
3 : 17

ذُرِّيَّةَ مَنۡ حَمَلۡنَا مَعَ نُوحٍۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَبۡدٗا شَكُورٗا

Bantu mukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)! Nimwisunge rero akarorero ka Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) mu gushimira Imana Allah no mu kutayibangikanya n’ikintu na kimwe. Mu vy’ukuri Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yari Umuja w’Imana Allah ashima koko inema zayo. info
التفاسير:

external-link copy
4 : 17

وَقَضَيۡنَآ إِلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ لَتُفۡسِدُنَّ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَّتَيۡنِ وَلَتَعۡلُنَّ عُلُوّٗا كَبِيرٗا

Muri nya Gitabu ca Tawurati, Twarabwiye Bene Israyeli Duti: “Bitebe bitebuke muzogenzwa n’ubwononyi mu gisagara ca Bayti l-Maqdis incuro zibiri, kandi muzokwiganza mube iciro ry’umugani mu kurenganya no kwica Abavugishwamana; info
التفاسير:

external-link copy
5 : 17

فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ أُولَىٰهُمَا بَعَثۡنَا عَلَيۡكُمۡ عِبَادٗا لَّنَآ أُوْلِي بَأۡسٖ شَدِيدٖ فَجَاسُواْ خِلَٰلَ ٱلدِّيَارِۚ وَكَانَ وَعۡدٗا مَّفۡعُولٗا

Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya mbere, Tuzobateza abaja bacu b’intwari ku rugamba, badatinya rukamvye, baheze babice, babangaze. Iryo sango rero ritegerezwa gushika nta kibuza; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 17

ثُمَّ رَدَدۡنَا لَكُمُ ٱلۡكَرَّةَ عَلَيۡهِمۡ وَأَمۡدَدۡنَٰكُم بِأَمۡوَٰلٖ وَبَنِينَ وَجَعَلۡنَٰكُمۡ أَكۡثَرَ نَفِيرًا

Hanyuma nimwicisha bugufi, Tuzosubira Tubahe intsinzi mwiganzure, Duheze Tubahe ibibondo n’amatungo, Tubahe no kurondoka cane mugwirirane gusumba abandi bantu; info
التفاسير:

external-link copy
7 : 17

إِنۡ أَحۡسَنتُمۡ أَحۡسَنتُمۡ لِأَنفُسِكُمۡۖ وَإِنۡ أَسَأۡتُمۡ فَلَهَاۚ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ ٱلۡأٓخِرَةِ لِيَسُـُٔواْ وُجُوهَكُمۡ وَلِيَدۡخُلُواْ ٱلۡمَسۡجِدَ كَمَا دَخَلُوهُ أَوَّلَ مَرَّةٖ وَلِيُتَبِّرُواْ مَا عَلَوۡاْ تَتۡبِيرًا

Nimwarangwa n’ubugwaneza mu vyo mukora no mu vyo muvuga, ubwo bugwaneza buzoba ari ku neza yanyu, muzobuhemberwa. Nimwagenzwa n’ubwononyi naho, inkurikizi za nya bwononyi zizobagarukako, mubihanirwe. Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya kabiri, Tuzobateza kandi abansi banyu kugira babaneshe bongere banabasuzuguze, baheze binjire no mu gisagara ca Bayti l-Maqdis bagisambure nk’uko bagisambuye ubwa mbere, banasenyure n’ico bahuye cose; info
التفاسير: