அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - கிருண்டி மொழிபெயர்ப்பு - யூசுப் கஹீதி

Al-Qalam

external-link copy
1 : 68

نٓۚ وَٱلۡقَلَمِ وَمَا يَسۡطُرُونَ

Nuun[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kw’ikaramu n’ivyo abamalayika n’abantu bayandikisha! info

[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

التفاسير:

external-link copy
2 : 68

مَآ أَنتَ بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ بِمَجۡنُونٖ

Ko wewe Intumwa Muhamadi, utari umusazi namba kubera inema wahawe n’Imana yawe Rurema Allah mu kukugira Intumwa! info
التفاسير:

external-link copy
3 : 68

وَإِنَّ لَكَ لَأَجۡرًا غَيۡرَ مَمۡنُونٖ

Mu vy’ukuri, nta nkeka urafise impembo idahera kubera ko wihanganira ishikirizabutumwa; info
التفاسير:

external-link copy
4 : 68

وَإِنَّكَ لَعَلَىٰ خُلُقٍ عَظِيمٖ

Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na Qor’ani. info
التفاسير:

external-link copy
5 : 68

فَسَتُبۡصِرُ وَيُبۡصِرُونَ

Mu gihe kitari kirekire rero uzobona, kandi abagarariji na bo nyene bazobona; info
التفاسير:

external-link copy
6 : 68

بِأَييِّكُمُ ٱلۡمَفۡتُونُ

Umusazi muri mwebwe uwo ari we. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 68

إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ

Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo y’ukuri. Ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 68

فَلَا تُطِعِ ٱلۡمُكَذِّبِينَ

Ntumwa y’Imana! Ntukagamburukire rero na gato abahakanyi, kuko bari mu muzimagiza. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 68

وَدُّواْ لَوۡ تُدۡهِنُ فَيُدۡهِنُونَ

Baripfuje cane ko woborohera, maze na bo bagaheza bakakworohera. info
التفاسير:

external-link copy
10 : 68

وَلَا تُطِعۡ كُلَّ حَلَّافٖ مَّهِينٍ

Ntumwa y’Imana! Ntukumvire uwo wese akunda kurahira kenshi, asuzuguritse; info
التفاسير:

external-link copy
11 : 68

هَمَّازٖ مَّشَّآءِۭ بِنَمِيمٖ

Akunda kwandagaza abantu, gateranya; info
التفاسير:

external-link copy
12 : 68

مَّنَّاعٖ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ

Ingumyi idatanga ku bw’Imana Allah, ikanabuza abandi gukora iciza, yigenza ku bantu ikanarenga ku mabwirizwa, yuzuye ivyaha; info
التفاسير:

external-link copy
13 : 68

عُتُلِّۭ بَعۡدَ ذَٰلِكَ زَنِيمٍ

Inshirwarimenetse mu buhakanyi, Turetse n’ivyo vyose, ni n’umuzanano; info
التفاسير:

external-link copy
14 : 68

أَن كَانَ ذَا مَالٖ وَبَنِينَ

Mbe none yoba akora ivyo, yitwaza ko afise amatungo n’abana benshi! info
التفاسير:

external-link copy
15 : 68

إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere[2]. info

[2] Izi Aayah rero, n’aho zahishuwe zinebagura bamwe mu babangikanyamana; nka Waliid mwene Al-Mughiira, zirihaniza umwislamu uwo ari we wese ko yogira inyifato zigayitse nk’izo.

التفاسير:

external-link copy
16 : 68

سَنَسِمُهُۥ عَلَى ٱلۡخُرۡطُومِ

Tuzomushirako inkovu ku zuru ryiwe, maze yame imutera isoni mu maso y’abantu. info
التفاسير: