அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - கிருண்டி மொழிபெயர்ப்பு - யூசுப் கஹீதி

பக்க எண்:close

external-link copy
119 : 6

وَمَا لَكُمۡ أَلَّا تَأۡكُلُواْ مِمَّا ذُكِرَ ٱسۡمُ ٱللَّهِ عَلَيۡهِ وَقَدۡ فَصَّلَ لَكُم مَّا حَرَّمَ عَلَيۡكُمۡ إِلَّا مَا ٱضۡطُرِرۡتُمۡ إِلَيۡهِۗ وَإِنَّ كَثِيرٗا لَّيُضِلُّونَ بِأَهۡوَآئِهِم بِغَيۡرِ عِلۡمٍۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُعۡتَدِينَ

Mbega ni igiki cobabuza gufungura inyama z’ivyakerewe habanje kuvugwa izina ry’Imana Allah, kandi Imana Allah Yaramaze kubatomorera ivyo Yaziririje ko mufungura! Ariko ku mvo zo kurokora ubuzima, n’ivyaziririjwe nyene murarekuriwe kuvyikorako. Mu vy’ukuri, abenshi mu bahuvye, ni ukuri bisunga ivyipfuzo vyabo mu guhubisha abantu inzira y’Imana Allah, mu kuzirura ivyaziririjwe no mu kuziririza ivyaziruwe ku bujuju bwabo. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza abarenga ku mabwirizwa yayo, ni na Yo Izobaharurira Ikanabahembera ivyo bakoze. info
التفاسير:

external-link copy
120 : 6

وَذَرُواْ ظَٰهِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَبَاطِنَهُۥٓۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡسِبُونَ ٱلۡإِثۡمَ سَيُجۡزَوۡنَ بِمَا كَانُواْ يَقۡتَرِفُونَ

Bantu! Nimureke munavavanure n’ivyaha vyose, ibikorerwa ku mugaragaro muri vyo n’ibikorerwa mu mpisho. Mu vy’ukuri, abakora ivyaha bazohanwa n’Imana Allah ku vyo bahora bakora. info
التفاسير:

external-link copy
121 : 6

وَلَا تَأۡكُلُواْ مِمَّا لَمۡ يُذۡكَرِ ٱسۡمُ ٱللَّهِ عَلَيۡهِ وَإِنَّهُۥ لَفِسۡقٞۗ وَإِنَّ ٱلشَّيَٰطِينَ لَيُوحُونَ إِلَىٰٓ أَوۡلِيَآئِهِمۡ لِيُجَٰدِلُوكُمۡۖ وَإِنۡ أَطَعۡتُمُوهُمۡ إِنَّكُمۡ لَمُشۡرِكُونَ

Bislamu! Ntimugafungure rero inyama z’ivyakerewe hatabanje kuvugwa izina ry’Imana Allah[20]. Mu vy’ukuri, ukuzifungura ni ubutumva bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, intumva mu majini, ni ukuri zosha abahagarikizi bazo mu ntumva z’abantu gukora ibitera amakenga mu gufungura intumvyi, kugira zibaharirize ku vyerekeye iyo ngingo[21]. Nimwaramuka rero muzumviye mu kuzirura ivyaziririjwe, ni ukuri muzoba ababangikanyamana nkabo. info

[20] Nk’intumvyi, icakererewe ibigirwamana canke amajini, n’ibindi.
[21] Bakigovyora bati: “Kudafungura intumvyi, ni nko kudafungura ivyishwe n’Imana Allah mu gihe mubikereye kw'Izina ryayo”.

التفاسير:

external-link copy
122 : 6

أَوَمَن كَانَ مَيۡتٗا فَأَحۡيَيۡنَٰهُ وَجَعَلۡنَا لَهُۥ نُورٗا يَمۡشِي بِهِۦ فِي ٱلنَّاسِ كَمَن مَّثَلُهُۥ فِي ٱلظُّلُمَٰتِ لَيۡسَ بِخَارِجٖ مِّنۡهَاۚ كَذَٰلِكَ زُيِّنَ لِلۡكَٰفِرِينَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Mbega burya akarorero k'umuntu w'igipfamutima ajuragirika mu muzimagiza w'ubuhuvyi, maze Tukamuha ubuzima bw’umushaha akemera, akanakurikira n’Intumwa zacu, Tukamuha n’umuco w’ubugororotsi, ni nk’ak’uwuri mu muzimagiza w'ubuhuvyi butagira uko busa, adashoboye kubuvamwo, ata ni co bumukuramwo! Eka abo nta ho basa basana namba! Ni nk’ukwo nyene rero abagararije baryoherejwe ivyaha bahora bakora kugira bazobihanirwe. info
التفاسير:

external-link copy
123 : 6

وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا فِي كُلِّ قَرۡيَةٍ أَكَٰبِرَ مُجۡرِمِيهَا لِيَمۡكُرُواْ فِيهَاۖ وَمَا يَمۡكُرُونَ إِلَّا بِأَنفُسِهِمۡ وَمَا يَشۡعُرُونَ

Ni nk’uko nyene rero - vyashikiye abagarariji b’i Makka bakaburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah - Twatumye mu gacimbiri ako ari ko kose haba intumva zirongowe n’indongozi zazo, kugira zitegure zinashire mu ngiro ubwononyi bwo kurwanya idini ry’Imana Allah, burya ubwo bwononyi zigira, nta wundi buzogarukako atari kuri zo, n’aho ata vyo zumva. info
التفاسير:

external-link copy
124 : 6

وَإِذَا جَآءَتۡهُمۡ ءَايَةٞ قَالُواْ لَن نُّؤۡمِنَ حَتَّىٰ نُؤۡتَىٰ مِثۡلَ مَآ أُوتِيَ رُسُلُ ٱللَّهِۘ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ حَيۡثُ يَجۡعَلُ رِسَالَتَهُۥۗ سَيُصِيبُ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْ صَغَارٌ عِندَ ٱللَّهِ وَعَذَابٞ شَدِيدُۢ بِمَا كَانُواْ يَمۡكُرُونَ

Iyo ababangikanyamana b’i Makka bashikiriwe n’icemezo kigaragara cerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, bamwe mu ndongozi zabo baca bavuga bati: “Ntituzokwigera twemera ubutumwa bwiwe gushika Imana Allah Itugize intumwa, Inaduhe n’ibitangaro nk’ivyo Yahaye Intumwa zayo z’aho hambere”. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza uwo Ikwiye gushinga ubutumwa bwayo. Inkozi z’ikibi zizosuzugurika imbere y’Imana Allah, zinahabwe ibihano ruhasha, bitewe n’ubwononyi zahora zikora bwo kurwanya idini. info
التفاسير: