د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

external-link copy
171 : 7

۞ وَإِذۡ نَتَقۡنَا ٱلۡجَبَلَ فَوۡقَهُمۡ كَأَنَّهُۥ ظُلَّةٞ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُۥ وَاقِعُۢ بِهِمۡ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٖ وَٱذۡكُرُواْ مَا فِيهِ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ

Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n'igihe Twarerura umusozi hejuru ya Bene Israyeli, nya musozi ukaba nk’igicu kibakingiye izuba, bibaza ko uhava ubakorokerako nibatemera amabwirizwa ari muri Tawurati! Ni ho Twebwe Allah Twababwira Duti: “Nimufate nkama munubahirize ata gushidikanya ivyo Twabahaye, munibuke isezerano rihambaye Twabahaye muri Tawurati ryo kwubahiriza ibirimwo, kugira mugamburukire Imana Allah”. info
التفاسير: