د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

د مخ نمبر:close

external-link copy
52 : 42

وَكَذَٰلِكَ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ رُوحٗا مِّنۡ أَمۡرِنَاۚ مَا كُنتَ تَدۡرِي مَا ٱلۡكِتَٰبُ وَلَا ٱلۡإِيمَٰنُ وَلَٰكِن جَعَلۡنَٰهُ نُورٗا نَّهۡدِي بِهِۦ مَن نَّشَآءُ مِنۡ عِبَادِنَاۚ وَإِنَّكَ لَتَهۡدِيٓ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ

Muvugishwamana! Twaguhishuriye Qor’ani ivuye iwacu, nka kurya Twahishuriye Abavugishwamana bo hambere yawe; imbere y’iryo hishurirwa rero, ntiwari uzi Ibitabu bahishuriwe, eka mbere ntiwari uzi n’ukwemera canke amabwirizwa ico ari co! Ariko rero, Twagize Qor’ani kuba umuco Turongoza uwo Dushatse muri bo mu nzira igororotse. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri wewe, uratomorera abantu ibibashikana mu nzira igororotse y’ubwislamu; info
التفاسير:

external-link copy
53 : 42

صِرَٰطِ ٱللَّهِ ٱلَّذِي لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ أَلَآ إِلَى ٱللَّهِ تَصِيرُ ٱلۡأُمُورُ

Inzira ibashikana ku Mana Allah, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi vyose, nta we Ibangikanije muri vyo. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni ku Mana Allah ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwekimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye. info
التفاسير: