د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

د مخ نمبر:close

external-link copy
28 : 24

فَإِن لَّمۡ تَجِدُواْ فِيهَآ أَحَدٗا فَلَا تَدۡخُلُوهَا حَتَّىٰ يُؤۡذَنَ لَكُمۡۖ وَإِن قِيلَ لَكُمُ ٱرۡجِعُواْ فَٱرۡجِعُواْۖ هُوَ أَزۡكَىٰ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ عَلِيمٞ

Nimutasanga muri nya mazu umuntu n’umwe abitaba akabaha ikaze, ntimuzoyinjiremwo gushika habonetse uwubitaba. Niyabitaba akanka kubaha ikaze, akabasaba gusubira inyuma, murasubira inyuma mutarinze guhadikiriza, maze mugende mu bwitonzi nta ngere, ico ni na co kibeza gusumba, ha kubona ivyo mutarekuriwe hamwe mwohadikiriza kwinjira. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mukora vyose, ni Nyenubumenyikurivyose. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 24

لَّيۡسَ عَلَيۡكُمۡ جُنَاحٌ أَن تَدۡخُلُواْ بُيُوتًا غَيۡرَ مَسۡكُونَةٖ فِيهَا مَتَٰعٞ لَّكُمۡۚ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تُبۡدُونَ وَمَا تَكۡتُمُونَ

Ariko rero, nta kabi kuri mwebwe ko mwinjira mu mazu atagenewe kubamwo abantu mutabanje kudodora, mu gihe hoba hari ico mukeneyeyo; nk’amazu yagenewe kuba uburaro bw’ingenzi, n’ayandi mazu rusangi. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mugaragaza n’ivyo muhisha. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 24

قُل لِّلۡمُؤۡمِنِينَ يَغُضُّواْ مِنۡ أَبۡصَٰرِهِمۡ وَيَحۡفَظُواْ فُرُوجَهُمۡۚ ذَٰلِكَ أَزۡكَىٰ لَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ خَبِيرُۢ بِمَا يَصۡنَعُونَ

Muvugishwamana! Bwira abemeramana bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira vyotuma bagwa mu caha c’ubusambanyi, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira[9]; ivyo ni vyo bibeza gusumba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi ibintu vyose bakoze; info

[9] Mu kutagaragaza ubwambure, kudasambana, kutipfuza abagabo ku bandi canke abagore ku bandi, n’ibindi.

التفاسير:

external-link copy
31 : 24

وَقُل لِّلۡمُؤۡمِنَٰتِ يَغۡضُضۡنَ مِنۡ أَبۡصَٰرِهِنَّ وَيَحۡفَظۡنَ فُرُوجَهُنَّ وَلَا يُبۡدِينَ زِينَتَهُنَّ إِلَّا مَا ظَهَرَ مِنۡهَاۖ وَلۡيَضۡرِبۡنَ بِخُمُرِهِنَّ عَلَىٰ جُيُوبِهِنَّۖ وَلَا يُبۡدِينَ زِينَتَهُنَّ إِلَّا لِبُعُولَتِهِنَّ أَوۡ ءَابَآئِهِنَّ أَوۡ ءَابَآءِ بُعُولَتِهِنَّ أَوۡ أَبۡنَآئِهِنَّ أَوۡ أَبۡنَآءِ بُعُولَتِهِنَّ أَوۡ إِخۡوَٰنِهِنَّ أَوۡ بَنِيٓ إِخۡوَٰنِهِنَّ أَوۡ بَنِيٓ أَخَوَٰتِهِنَّ أَوۡ نِسَآئِهِنَّ أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُنَّ أَوِ ٱلتَّٰبِعِينَ غَيۡرِ أُوْلِي ٱلۡإِرۡبَةِ مِنَ ٱلرِّجَالِ أَوِ ٱلطِّفۡلِ ٱلَّذِينَ لَمۡ يَظۡهَرُواْ عَلَىٰ عَوۡرَٰتِ ٱلنِّسَآءِۖ وَلَا يَضۡرِبۡنَ بِأَرۡجُلِهِنَّ لِيُعۡلَمَ مَا يُخۡفِينَ مِن زِينَتِهِنَّۚ وَتُوبُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ جَمِيعًا أَيُّهَ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ

Bwira n’abemeramanakazi bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira mu bwambure, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira, ntibanagaragarize abagabo ibisharizo vyabo bambaye, ahubwo bagerageze guhisha nya bisharizo, kiretse impuzu bambaye mu gihe zitoba imvo y’igeragezwa. Baraheza rero barenze ku mutwe umwitwikiro upfuka mw’izosi no ku gikiriza, kandi ntibazogaragaze namba ibisharizo bambaye kiretse gusa ku bagabo babo[10], ba se canke ba sebukwe[11], abana babo canke abana b’abagabo babo b’abahungu, basaza babo, abana b’abahungu ba basaza babo canke aba benewabo, abislamukazi, abashumba babo, abagabo bagenzwa no kuronswa icorirenza batigera bipfuza abagore, abana b’abahungu bakiri bato bataramenya ubwambure bw’abagore (bataragera mu bigero) ngo babipfuze; abagore ntibakagende badida ibirenge ku buryo ibisharizo bambaye ku maguru nk’imiringa n’ibindi bijegera. Hanyuma rero bemeramana! Muraheza mwigaye mwese ku Mana Allah, maze murangwe n’ingeso hamwe n’imigenzo myiza, kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info

[10] Umugabo arekuriwe kubona umubiri wose w’umukenyezi wiwe hamwe n’ibisharizo yambaye, aho avyambaye hose.
[11] Se w’umugore canke sebukwe arekuriwe kumubona mu maso, mw’izosi, amaboko n’ibiganza vyiwe hamwe n’ivyo yambaye rero mu maso, mw’izosi no ku maboko.

التفاسير: