د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

د مخ نمبر:close

external-link copy
5 : 18

مَّا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٖ وَلَا لِأٓبَآئِهِمۡۚ كَبُرَتۡ كَلِمَةٗ تَخۡرُجُ مِنۡ أَفۡوَٰهِهِمۡۚ إِن يَقُولُونَ إِلَّا كَذِبٗا

Ababangikanyamana nta n’ubumenyi bafise bokwisunga mu kwemeza ko Imana Allah Yigeneye koko umwana, eka n’abavyeyi babo bakurikiye muri iryo rementanya, na bo nyene nta bumenyi bari bafise bwo kurishimangira. Iryo jambo riva mu kanwa kabo rero, ryo kwomekera umwana ku Mana Allah, ni ribi cane, kanatsinda ntibavuga kiretse ikinyoma cambaye ubusa. info
التفاسير:

external-link copy
6 : 18

فَلَعَلَّكَ بَٰخِعٞ نَّفۡسَكَ عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِمۡ إِن لَّمۡ يُؤۡمِنُواْ بِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ أَسَفًا

Ntumwa y’Imana! Kumbure woba wicwa n’intuntu n’agahinda bitewe n’ukuntu abantu warungitsweko bakwirengagiza mu kugenza umugongo, ntibaheze ngo bemere Qor’ani banayigendere. info
التفاسير:

external-link copy
7 : 18

إِنَّا جَعَلۡنَا مَا عَلَى ٱلۡأَرۡضِ زِينَةٗ لَّهَا لِنَبۡلُوَهُمۡ أَيُّهُمۡ أَحۡسَنُ عَمَلٗا

Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye ibiri kw’isi, maze Tubigira ibisharizo vyayo, Tunabigira ibintu ngirakamaro ku bayicumbitseko, kugira Tubagerageze haheze hamenyekane uwukora ivyiza ku bw’Imana Allah kurusha abandi, hamenyekane n’umunyavyaha ruhebuza, gutyo Tuzohembere umwe wese ivyo yakoze. info
التفاسير:

external-link copy
8 : 18

وَإِنَّا لَجَٰعِلُونَ مَا عَلَيۡهَا صَعِيدٗا جُرُزًا

Umuhero w’isi rero niwagera, ni ukuri ibiri kw’isi vyose Twebwe Allah Tuzobihindura ubukumbagare. info
التفاسير:

external-link copy
9 : 18

أَمۡ حَسِبۡتَ أَنَّ أَصۡحَٰبَ ٱلۡكَهۡفِ وَٱلرَّقِيمِ كَانُواْ مِنۡ ءَايَٰتِنَا عَجَبًا

Ntumwa y’Imana! Mbega ivyashikiye benisenga ry’ibuye ari bo benurubaho rwanditsweko amazina n’amateka yabo, woba uriyumvira ko ari bimwe mu vyemezo n’ibitangaro vyacu bitangaje! Irema ry’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo rero, ritangaje gusumba ivyashikiye benisenga ry’ibuye! info
التفاسير:

external-link copy
10 : 18

إِذۡ أَوَى ٱلۡفِتۡيَةُ إِلَى ٱلۡكَهۡفِ فَقَالُواْ رَبَّنَآ ءَاتِنَا مِن لَّدُنكَ رَحۡمَةٗ وَهَيِّئۡ لَنَا مِنۡ أَمۡرِنَا رَشَدٗا

Ibuka igihe imikangara y’abemeramana yahungira mw’isenga ry’ibuye, ku gutinya ko yogeragezwa mu guhatirwa gusenga ibigirwamana, iraheza ivuga iti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhundagazeko impuhwe zawe, maze Udutsimbataze ku kwemera, Udukingire n’inabi y’ibiremwa, Wongere Utworohereze inzira idushikana ku vyiza bigushimisha, duheze tube mu bagororotsi”. info
التفاسير:

external-link copy
11 : 18

فَضَرَبۡنَا عَلَىٰٓ ءَاذَانِهِمۡ فِي ٱلۡكَهۡفِ سِنِينَ عَدَدٗا

Ni ho rero nya miyabaga Twayisinziriza umukondorazosi, iraheza iguma muri nya senga ry’ibuye imyaka n’iyindi. info
التفاسير:

external-link copy
12 : 18

ثُمَّ بَعَثۡنَٰهُمۡ لِنَعۡلَمَ أَيُّ ٱلۡحِزۡبَيۡنِ أَحۡصَىٰ لِمَا لَبِثُوٓاْ أَمَدٗا

Hanyuma ni ho Twayikangura mw’itiro kugira Tugaragarize abantu ukuri ku vyo Dusanzwe Tuzi ku bijanye n’ikiringo iyo miyabaga yamaze isinziriye, ari na co imigwi ibiri yahazanako, gutyo haheze hamenyekane muri nya migwi ibiri, umugwi woba uzi neza igitigiri c’imisi nya miyabaga yamaze isinziriye. info
التفاسير:

external-link copy
13 : 18

نَّحۡنُ نَقُصُّ عَلَيۡكَ نَبَأَهُم بِٱلۡحَقِّۚ إِنَّهُمۡ فِتۡيَةٌ ءَامَنُواْ بِرَبِّهِمۡ وَزِدۡنَٰهُمۡ هُدٗى

Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Tukwiganira kahise kabo vy’ukuri. Mu vy’ukuri, benisenga, ni abantu b’imikangara bemeye Imana yabo Rurema Allah baranayigamburukira, maze Tubongerereza ubugororotsi no gutsimbatara ku kuri. info
التفاسير:

external-link copy
14 : 18

وَرَبَطۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ إِذۡ قَامُواْ فَقَالُواْ رَبُّنَا رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ لَن نَّدۡعُوَاْ مِن دُونِهِۦٓ إِلَٰهٗاۖ لَّقَدۡ قُلۡنَآ إِذٗا شَطَطًا

Twaranatimbishije n’imitima yabo igihe bahagarara imbere y’umwami yagarariza, akabanebagura ko batagisenga ibigirwamana, bakavuga bati: “Imana yacu Rurema Allah dusenga, ni Imana Rurema Yaremye amajuru n’isi, ntituzokwigera dusenga mu gishingo cayo iyindi mana. Ni ukuri, mu gihe twovuga ibihushanye n’ivyo, twoba tuvuze ikinyoma ceruye”. info
التفاسير:

external-link copy
15 : 18

هَٰٓؤُلَآءِ قَوۡمُنَا ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةٗۖ لَّوۡلَا يَأۡتُونَ عَلَيۡهِم بِسُلۡطَٰنِۭ بَيِّنٖۖ فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبٗا

Ni ho rero babwirana hagati yabo bati: “Aba bantu bacu, bigiriye izindi mana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ubwo ntitwobasaba bakazana ivyemezo bigaragara vyemeza isengwa ry’ivyo bigirwamana! Burya, nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah mu kuyibangikanya”. info
التفاسير: