د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

د مخ نمبر:close

external-link copy
94 : 16

وَلَا تَتَّخِذُوٓاْ أَيۡمَٰنَكُمۡ دَخَلَۢا بَيۡنَكُمۡ فَتَزِلَّ قَدَمُۢ بَعۡدَ ثُبُوتِهَا وَتَذُوقُواْ ٱلسُّوٓءَ بِمَا صَدَدتُّمۡ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَكُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ

Ntimukagire rero indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, kuko mwohava muhungabana maze mugahona inyuma y’aho mwari mutekanye; mukaba nk’umuntu yanyereye agatemba nk’amazi inyuma y’aho yari ahagaze bwuma, mukanahonja n’ibihano vyo kw’isi kuko mwabaye imvo yo kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu[343], muranategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info

[343] Ni iburagizwa riterwa no guhemuka kwanyu ku masezerano no kwisubirako mu ndahiro.

التفاسير:

external-link copy
95 : 16

وَلَا تَشۡتَرُواْ بِعَهۡدِ ٱللَّهِ ثَمَنٗا قَلِيلًاۚ إِنَّمَا عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ

Ntimukisubireko rero mu gufata isezerano ry’Imana Allah mukarihindura kugira ngo muriguze ibintu vy’agaciro gato cane mu vy'isi. Mu vy’ukuri, mu gihe mwokwubahiriza iryo sezerano, indishi mutegekanirijwe n’Imana Allah ni nziza gusumba nimwaba muzi gutandukanya ivyiza vyo kw’isi n’ivyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. info
التفاسير:

external-link copy
96 : 16

مَا عِندَكُمۡ يَنفَدُ وَمَا عِندَ ٱللَّهِ بَاقٖۗ وَلَنَجۡزِيَنَّ ٱلَّذِينَ صَبَرُوٓاْ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Ivyo mufise mu bihendamaso vy’isi birahera, nayo ibiri ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa vyamaho. Ni ukuri, abihanganiye iyubahiriza ry’amabwirizwa yacu kw’isi, Tuzobahemba indishi yabo nziza ibereye[344] ku vyo bari barakoze kw'isi. info

[344] Bagahemberwa igikorwa gito indishi y’igikorwa kinini.

التفاسير:

external-link copy
97 : 16

مَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا مِّن ذَكَرٍ أَوۡ أُنثَىٰ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَنُحۡيِيَنَّهُۥ حَيَوٰةٗ طَيِّبَةٗۖ وَلَنَجۡزِيَنَّهُمۡ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Uwukoze iciza rero, yaba umuhungu canke umukobwa, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, ni ukuri Tuzomuha ubuzima bwiza bw’iteka n’itekane kw’isi n’aho yobaho akenye; kandi ni ukuri mu buzima bw’inyuma yo gupfa, azoba ari mu bo Tuzohemba indishi yabo nziza ibereye ku vyo bari barakoze. info
التفاسير:

external-link copy
98 : 16

فَإِذَا قَرَأۡتَ ٱلۡقُرۡءَانَ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ ٱلرَّجِيمِ

Mwemeramana! Niwashaka gusoma Qor’ani, urabanza wikinge ku Mana Allah, Igukingire inyoshambi za shetani yavumwe, maze uvuge uti: “A’UUDHU BILLAAHI MINA SSHAYTWAANI RRAJIIM”, info
التفاسير:

external-link copy
99 : 16

إِنَّهُۥ لَيۡسَ لَهُۥ سُلۡطَٰنٌ عَلَى ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ

Mu vy’ukuri, shetani nta bubasha ifise ku bantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo, bakishimikiza Imana yabo Rurema Allah, bayizeye; info
التفاسير:

external-link copy
100 : 16

إِنَّمَا سُلۡطَٰنُهُۥ عَلَى ٱلَّذِينَ يَتَوَلَّوۡنَهُۥ وَٱلَّذِينَ هُم بِهِۦ مُشۡرِكُونَ

Mu vy’ukuri, shetani ifise ububasha ku bantu bayigize umuhagarikizi wabo, bagaheza bakayumvira, maze muri kwa kuyumvira bakabangikanya Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
101 : 16

وَإِذَا بَدَّلۡنَآ ءَايَةٗ مَّكَانَ ءَايَةٖ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُنَزِّلُ قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مُفۡتَرِۭۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Iyo Twebwe Allah Dusubirije Aayah iyindi Aayah, Imana Allah na Yo Ikaba ari Yo Izi neza ibirimwo ineza ku biremwa vyayo mu mabwirizwa Imanura mu bihe bitandukanye, abagarariji baca bavuga bati: “Ni ukuri, wewe Muhamadi urabeshera Imana Allah, ukavuga ivyo Itigeze Ivuga”. Ihibambewe, Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ntiyigera ibesha mu vyo ishikiriza, ahubwo rero abenshi muri bo ntibazi Imana Allah n’amabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
102 : 16

قُلۡ نَزَّلَهُۥ رُوحُ ٱلۡقُدُسِ مِن رَّبِّكَ بِٱلۡحَقِّ لِيُثَبِّتَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهُدٗى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُسۡلِمِينَ

Ntumwa y’Imana! Babwire ko Qor’ani, yamanuwe vy’ukuri na Mutimamutagatifu Jibrili, ivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ku kugira iyo Qor’ani itsimbataze abemeramana, ibabere n'uburongozi n’inkuru nziza, iremeshe n'abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah. info
التفاسير: