د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

د مخ نمبر:close

external-link copy
15 : 12

فَلَمَّا ذَهَبُواْ بِهِۦ وَأَجۡمَعُوٓاْ أَن يَجۡعَلُوهُ فِي غَيَٰبَتِ ٱلۡجُبِّۚ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡهِ لَتُنَبِّئَنَّهُم بِأَمۡرِهِمۡ هَٰذَا وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ

Yakubu yahavuye amurekura baraheza barajana. Ni ho rero bagenda bamujanye, baca bumvikana ko bamuterera mu kinogo kirekire. Twaranahishuriye Yusufu rero Duti: “Ni ukuri, umusi umwe uzobabwira ivyo bagukoreye, igihe bazoba batakivyibuka”. info
التفاسير:

external-link copy
16 : 12

وَجَآءُوٓ أَبَاهُمۡ عِشَآءٗ يَبۡكُونَ

Bumaze kugoroba, ni ho baza kwa se biyuha iryosozi; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 12

قَالُواْ يَٰٓأَبَانَآ إِنَّا ذَهَبۡنَا نَسۡتَبِقُ وَتَرَكۡنَا يُوسُفَ عِندَ مَتَٰعِنَا فَأَكَلَهُ ٱلذِّئۡبُۖ وَمَآ أَنتَ بِمُؤۡمِنٖ لَّنَا وَلَوۡ كُنَّا صَٰدِقِينَ

Bati: “Da! Mu vy’ukuri, twagiye gusiganwa turasa n’imyampi, maze dusiga Yusufu aho twashize ibikoresho vyacu, mu kanya isase imbwebwe ica iramurya, kandi wewe ntushobora kutwemera mu vyo tuvuga n’aho twoba turi imvugakuri”. info
التفاسير:

external-link copy
18 : 12

وَجَآءُو عَلَىٰ قَمِيصِهِۦ بِدَمٖ كَذِبٖۚ قَالَ بَلۡ سَوَّلَتۡ لَكُمۡ أَنفُسُكُمۡ أَمۡرٗاۖ فَصَبۡرٞ جَمِيلٞۖ وَٱللَّهُ ٱلۡمُسۡتَعَانُ عَلَىٰ مَا تَصِفُونَ

Baje bafise ikanzu yiwe, iriko n’amaraso y’ikinyoma, kuko nya kanzu ata ho yari yigeze inatabuka. Yakubu yabishuye ati: “Ihibambewe! Si nk’uko mubivuga, ahubwo umutima-nama wanyu wabaryohereje gukorera ikibi Yusufu. Kubera ivyo rero, mbandanya nihangana kuko ata we ndiko ndaganyira mu biremwa ku vyabaye, nifashishije Imana Allah mu kwihanganira ivyo muvuze”. info
التفاسير:

external-link copy
19 : 12

وَجَآءَتۡ سَيَّارَةٞ فَأَرۡسَلُواْ وَارِدَهُمۡ فَأَدۡلَىٰ دَلۡوَهُۥۖ قَالَ يَٰبُشۡرَىٰ هَٰذَا غُلَٰمٞۚ وَأَسَرُّوهُ بِضَٰعَةٗۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِمَا يَعۡمَلُونَ

Hahavuye rero haza abantu barengana, maze barungika umuntu umwe muri bo ngo aje kuvoma. Nya muntu araheza aterera indobo mu kinogo kirekire c’iriba, Yusufu aca arayifata arayenenako, wa muntu agize ngo aramubona, aca avuga n’akanyamuneza n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano!”. Inkuru y’itorwa rya Yusufu, abari kumwe n’uwo muntu ku rugendo bayigize nk’akamizwe n’ingoma, bati: “Uyu ni ikidandazwa twibangikanije!”. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo bakora kuri Yusufu. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 12

وَشَرَوۡهُ بِثَمَنِۭ بَخۡسٖ دَرَٰهِمَ مَعۡدُودَةٖ وَكَانُواْ فِيهِ مِنَ ٱلزَّٰهِدِينَ

Benewabo rero, bamaze kubona ko Yusufu akuwe muri nya kinogo, baraheza baramugurisha ku barengana bamutoye, maze agurwa ku giciro giciriritse c’amadirhamu make, ivyo vyose bakabigira kugira ngo abaveko ku kutamenya icubahiro ciwe ku Mana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
21 : 12

وَقَالَ ٱلَّذِي ٱشۡتَرَىٰهُ مِن مِّصۡرَ لِٱمۡرَأَتِهِۦٓ أَكۡرِمِي مَثۡوَىٰهُ عَسَىٰٓ أَن يَنفَعَنَآ أَوۡ نَتَّخِذَهُۥ وَلَدٗاۚ وَكَذَٰلِكَ مَكَّنَّا لِيُوسُفَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلِنُعَلِّمَهُۥ مِن تَأۡوِيلِ ٱلۡأَحَادِيثِۚ وَٱللَّهُ غَالِبٌ عَلَىٰٓ أَمۡرِهِۦ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ

Bamaze kumushikana muri Misiri, yaguzwe n’umushikirangoma wa Misiri, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Mwakire neza umurere, hari n’aho yogira ico atumariye, canke tukamugira umwana wacu”. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twarokoye Yusufu, Tukamushira mu muryango w’umutware wa Misiri akamwitaho - Twahavuye Dutsimbataza Yusufu ku ntwaro muri Misiri Tumugira umunyabigega, Tunamwigisha kurotora indoto kugira ashobore gutegekanya kazoza keza. Burya Imana Allah, ni Yo Iganza muri vyose, ariko abenshi mu bantu nta vyo bazi. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 12

وَلَمَّا بَلَغَ أَشُدَّهُۥٓ ءَاتَيۡنَٰهُ حُكۡمٗا وَعِلۡمٗاۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Yusufu rero amaze kugera mu bigero, Twaramuhaye gutomora ingingo, Tumwigisha n’ubumenyi. Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Twahemvye Yusufu, Duhemba abagwaneza[4]. info

[4] Iyi Aayah iraremesha Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagwaneza bose.

التفاسير: