د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي

external-link copy
81 : 11

قَالُواْ يَٰلُوطُ إِنَّا رُسُلُ رَبِّكَ لَن يَصِلُوٓاْ إِلَيۡكَۖ فَأَسۡرِ بِأَهۡلِكَ بِقِطۡعٖ مِّنَ ٱلَّيۡلِ وَلَا يَلۡتَفِتۡ مِنكُمۡ أَحَدٌ إِلَّا ٱمۡرَأَتَكَۖ إِنَّهُۥ مُصِيبُهَا مَآ أَصَابَهُمۡۚ إِنَّ مَوۡعِدَهُمُ ٱلصُّبۡحُۚ أَلَيۡسَ ٱلصُّبۡحُ بِقَرِيبٖ

Izo ntumwa z’abamalayika zaciye zimenyekanisha kwa Luutwi, ziti: “Ewe Luutwi! Mu vy’ukuri, twebwe turi intumwa z’abamalayika zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, twaje kugira duhonye abantu bawe, humura rero ntibashobora namba kwegera n’aho uri. Enda nyabuna rero, muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahirahira ngo ahindukire arabe inyuma, ariko rero umugore wawe aza guhanwa mu bandi. Isango ry’ihonywa ryabo rero, ni mu bucagucagu, burya ubucabucagu buri hafi gushika”. info
التفاسير: