ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫

external-link copy
133 : 7

فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلطُّوفَانَ وَٱلۡجَرَادَ وَٱلۡقُمَّلَ وَٱلضَّفَادِعَ وَٱلدَّمَ ءَايَٰتٖ مُّفَصَّلَٰتٖ فَٱسۡتَكۡبَرُواْ وَكَانُواْ قَوۡمٗا مُّجۡرِمِينَ

Ni ho rero Twebwe Allah, Twabarungikira umwuzurira maze uhitana ibiterwa n’ivyamwa. Twaranabarungikiye inzige zirya ikintu ico ari co cose zishikiriye: ibiterwa, imiryango, urusenge n’impuzu; Tubarungikira n’udukoko turya ibiterwa n’ibitungwa; Tubarungikira n’ibikere bikwiragira hose: mu bikoresho, mu mfungurwa no mu busaswa; Twaranahinduye inzuzi n’amariba bicika amaraso, ntibaheza ngo baronke amazi yo gukoresha. Ivyo vyose rero, vyari ivyemezo n’ibitangaro vyabashikiye mu bihe bitandukanye bivuye ku Mana Allah, ariko baragize amanyama ntibemera. Kira noneho, bari no mu bantu b’inkozi z’ikibi, barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. info
التفاسير: