[2] “Swiraatw”, ni ikiraro kizotambikwa hejuru y’umuriro, kugira abemeramana n’abemeramanakazi barengane bagana mu Bwami bw’ijuru. Uko giteye, ni nk’uko vyavuzwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iti: “Ni akayira kanyerera cane, kanyereza igiciyeko, kariko ubunyabuhoro, n’ivyuma bisongoye nk’icumu ry’ingobe, bikazibura nk’amahwa y’igiti citwa “sa’daani”, bicakira uwurenganye. Nya kayira gafise intimba nto cane nk’umushatsi canke ubugi bw’umupanga”. Yashikirijwe na Muslimu.