ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫

ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ:close

external-link copy
68 : 39

وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَصَعِقَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا مَن شَآءَ ٱللَّهُۖ ثُمَّ نُفِخَ فِيهِ أُخۡرَىٰ فَإِذَا هُمۡ قِيَامٞ يَنظُرُونَ

Inzamba yo guhonya ibiremwa rero izovuzwa, maze ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi bihonere rimwe, kiretse ivyo Imana Allah Izoshaka ko bidashoka bihwera. Mu nyuma, hazovuzwa inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, ubwo nyene ibiremwa vyose bice bizukuruka mu kuzimu vyirabira ico Imana Allah Igiye kubigirira! info
التفاسير:

external-link copy
69 : 39

وَأَشۡرَقَتِ ٱلۡأَرۡضُ بِنُورِ رَبِّهَا وَوُضِعَ ٱلۡكِتَٰبُ وَجِاْيٓءَ بِٱلنَّبِيِّـۧنَ وَٱلشُّهَدَآءِ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ

Isi rero izoheza iboneshwe n’umuco w’Imana yayo Rurema Allah, igihe Yigaragaje mu gutunganiriza ibiremwa, maze abamalayika bace bugurura igitabu c’umwumwe wese muri vyo; Abavugishwamana na bo hamwe n’ivyabona vyagiriza umugwi wose w’abantu, baheze barengutswe kugira bagirize umugwi umwumwe w’abantu; maze Imana Allah Ibacire urugororotse vy’ukuri, eka ntibazorenganywa namba. info
التفاسير:

external-link copy
70 : 39

وَوُفِّيَتۡ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَا يَفۡعَلُونَ

Umuntu wese rero, azoheza ahabwe indishi ikwiranye n’ivyo yakoze; indishi nziza ku ciza canke indishi mbi ku kibi. Burya rero Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bagira kw’isi, Izobibahembera. info
التفاسير:

external-link copy
71 : 39

وَسِيقَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا فُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَآ أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ رُسُلٞ مِّنكُمۡ يَتۡلُونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِ رَبِّكُمۡ وَيُنذِرُونَكُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَاۚ قَالُواْ بَلَىٰ وَلَٰكِنۡ حَقَّتۡ كَلِمَةُ ٱلۡعَذَابِ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ

Abagararije Imana Allah n’Intumwa zayo, bazoshorerwa gusunurirwa mu muriro wa Jahannamu bari mu migwimigwi; bagize ngo barawushikiriye, abamalayika bawucungera bace babugururira imiryango yawo indwi, maze bababwire n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntuze! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zirungitswe muri mwebwe nyene, zibasomera Aayah z’Imana yanyu Rurema Allah, zikanabagabisha ku bihano muzohura na vyo kuri uno musi?”. Bace bishura bemanga bati: “Ego cane! Zaradushikiriye, ziranadushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, ariko rero twamaze kwagirwa n’ijambo ry’Imana Allah, aho Yasezeraniye ibihano abagarariji”. info
التفاسير:

external-link copy
72 : 39

قِيلَ ٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ

Abagararije ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gusengwa vy’ukuri, bazoheza babwirwe n’agasuzuguro n’akantu bati: “Dagamba muce ng’aha, muheze mwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah”. info
التفاسير:

external-link copy
73 : 39

وَسِيقَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ رَبَّهُمۡ إِلَى ٱلۡجَنَّةِ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا وَفُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَا سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡ طِبۡتُمۡ فَٱدۡخُلُوهَا خَٰلِدِينَ

Abagamburukiye Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazotwarwa bajanwe mu Bwami bw’ijuru bari mu migwimigwi, bagize ngo barabushikiriye, bace bugururirwa imiryango yabwo ngo binjire, abamalayika babarindiranye igishika kuri nya Bwami, babahe ikaze n’akamwemwe n’akantu bati: “Nimugire amahoro, kaze murisanze, muragahorana urweze, iteka n’itekane! Murahawe ikaze rero mu Bwami bw’ijuru, muzobubamwo ibihe bidahera”; info
التفاسير:

external-link copy
74 : 39

وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي صَدَقَنَا وَعۡدَهُۥ وَأَوۡرَثَنَا ٱلۡأَرۡضَ نَتَبَوَّأُ مِنَ ٱلۡجَنَّةِ حَيۡثُ نَشَآءُۖ فَنِعۡمَ أَجۡرُ ٱلۡعَٰمِلِينَ

Bazoheza bavuge bakura ubwatsi bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yaduhaye isezerano ryayo ry’ukuri twashikirijwe n’Intumwa zayo, Iraheza Irarishitsa, Ituraga isi y’Ubwami bw’ijuru, aho twishira tukizana aho hose dushaka muri Bwo. Iyo rero, ni yo ndishi y’abagwaneza mw’igamburukiramana”. info
التفاسير: