ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫

external-link copy
122 : 3

إِذۡ هَمَّت طَّآئِفَتَانِ مِنكُمۡ أَن تَفۡشَلَا وَٱللَّهُ وَلِيُّهُمَاۗ وَعَلَى ٱللَّهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ

Muvugishwamana! Ibuka n’ivyashikiye Bene Salima na Bene Haaritha, igihe batekerwa n’ubwoba bagashaka guhunga urugamba bari kumwe n’indyarya karuhariwe Abdullahi mwene Ubayyi, batinya guhangana n’umwansi, ariko Imana Allah Umuhagarikizi wabo Yarakinze baraheza bararinda baja ku rugamba bizeye Imana Allah. Kubera ivyo rero, abemeramana nyabuna nibishimikize gusa Imana Allah bayizere. info
التفاسير: