[1] Hari inyuma y’aho baboneye amahera y’amadirhamu atagikoreshwa, bari barungikanye umwe muri bo kugira ngo abasumire.
[2] Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mw’iragi ryayo rya nyuma, yarabujije kwubakira umusigiti ku mva z’Abavugishwamana n’aberanda; yaranavumye abakora ivyo, ni nk’uko nyene yabujije muri rusangi kwubaka ku mva, kuzubakira, kuziterako amakaro no kuzandikako; kuko ivyo bishobora kuba imvo y’ibangikanyamana mu gusenga imizimu n'abaganza.