ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫

ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ:close

external-link copy
21 : 18

وَكَذَٰلِكَ أَعۡثَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ لِيَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَأَنَّ ٱلسَّاعَةَ لَا رَيۡبَ فِيهَآ إِذۡ يَتَنَٰزَعُونَ بَيۡنَهُمۡ أَمۡرَهُمۡۖ فَقَالُواْ ٱبۡنُواْ عَلَيۡهِم بُنۡيَٰنٗاۖ رَّبُّهُمۡ أَعۡلَمُ بِهِمۡۚ قَالَ ٱلَّذِينَ غَلَبُواْ عَلَىٰٓ أَمۡرِهِمۡ لَنَتَّخِذَنَّ عَلَيۡهِم مَّسۡجِدٗا

Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabasinzirije ikiringo kirekire hanyuma Tukabakangura mw’itiro - Twatumye abantu bamenya aho bahungiye[1], kugira bamenye ata gushidikanya ko isezerano ry’Imana Allah ryo kuzura abapfuye ku musi w’izuka, ari iry’ukuri. Ico gihe abantu bababonye bariciyemwo imigwi ku bijanye n’ukwemera izuka ry’ibiremwa; muri bo harimwo abemeye nya zuka ry’ibiremwa, hari n’abandi barihakanye. Iboneka rya benisenga ryabaye igitangaro cemeza ko izuka ry’ibiremwa ari ukuri. Benisenga bamaze kuboneka rero, ntibamaze kabiri, baciye bapfira muri rya senga ry’ibuye, ni ho abatanguye kubabona bavuga bati: “Nimubarekereyo, maze mwubakire umwugariro kw’iryo senga ry’ibuye, burya Imana yabo Rurema Allah, ni Yo Izi neza ukuri ku vyabashikiye”. Abaganza muri ico gihe bavuze bati: “Dutegerezwa kububakirako umusigiti[2]”. info

[1] Hari inyuma y’aho baboneye amahera y’amadirhamu atagikoreshwa, bari barungikanye umwe muri bo kugira ngo abasumire.
[2] Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mw’iragi ryayo rya nyuma, yarabujije kwubakira umusigiti ku mva z’Abavugishwamana n’aberanda; yaranavumye abakora ivyo, ni nk’uko nyene yabujije muri rusangi kwubaka ku mva, kuzubakira, kuziterako amakaro no kuzandikako; kuko ivyo bishobora kuba imvo y’ibangikanyamana mu gusenga imizimu n'abaganza.

التفاسير:

external-link copy
22 : 18

سَيَقُولُونَ ثَلَٰثَةٞ رَّابِعُهُمۡ كَلۡبُهُمۡ وَيَقُولُونَ خَمۡسَةٞ سَادِسُهُمۡ كَلۡبُهُمۡ رَجۡمَۢا بِٱلۡغَيۡبِۖ وَيَقُولُونَ سَبۡعَةٞ وَثَامِنُهُمۡ كَلۡبُهُمۡۚ قُل رَّبِّيٓ أَعۡلَمُ بِعِدَّتِهِم مَّا يَعۡلَمُهُمۡ إِلَّا قَلِيلٞۗ فَلَا تُمَارِ فِيهِمۡ إِلَّا مِرَآءٗ ظَٰهِرٗا وَلَا تَسۡتَفۡتِ فِيهِم مِّنۡهُمۡ أَحَدٗا

Mu bahawe Igitabu, harimwo abazovuga ku bijanye n’igitigiri ca benisenga, ko bari batatu hamwe n’imbwa yabo igira kane; harimwo n’abazovuga ko bari batanu hamwe n’imbwa yabo igira gatandatu. Umugwi wose muri iyo migwi ibiri, uzopfa gukekeranya igitigiri cabo ata cemezo ufise; harimwo n’abazovuga ko benisenga bari indwi hamwe n’imbwa yabo igira umunani. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza igitigiri ca benisenga uko kingana. Ni bake cane mu bantu bazi neza na neza igitigiri cabo”. Ntugaharire rero n’abahawe Igitabu ku vyerekeye igitigiri ca benisenga, kiretse igihe wobiganira ku vyo wahishuriwe n’Imana Allah gusa; ntuzonabaze n’umwe muri bo ku vyerekeye inkuru ya benisenga kuko ata nkuru y’imvaho bafise. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 18

وَلَا تَقُولَنَّ لِشَاْيۡءٍ إِنِّي فَاعِلٞ ذَٰلِكَ غَدًا

Ntumwa y’Imana! Ntukavuge ku kintu wipfuza gukora uti: “Ejo ntegerezwa gukora ikintu kanaka”; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 18

إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ وَٱذۡكُر رَّبَّكَ إِذَا نَسِيتَ وَقُلۡ عَسَىٰٓ أَن يَهۡدِيَنِ رَبِّي لِأَقۡرَبَ مِنۡ هَٰذَا رَشَدٗا

Kiretse mu gihe wobikesha Imana Allah mu kuvuga uti: “in shaa Allah” (Imana Allah niyabishaka). Uraheza rero utazire uninahaza Imana Allah nivyashika ukibagira kuyikesha ivyo wipfuza gukora, maze uvuge uti: “Kumbure hari n’aho Imana yanje Rurema Allah Yompa ibitangaro bigaragara gusumba ivyashikiye benisenga, ibitangaro vyotuma abantu bemera ubutumwa bwanje”. info
التفاسير:

external-link copy
25 : 18

وَلَبِثُواْ فِي كَهۡفِهِمۡ ثَلَٰثَ مِاْئَةٖ سِنِينَ وَٱزۡدَادُواْ تِسۡعٗا

Benisenga rero bamaze muri nya senga ry’ibuye imyaka amajana atatu, irengako imyaka icenda[3]. info

[3] Hakurikijwe ikirangamisi cisunga imboneko y’ukwezi.

التفاسير:

external-link copy
26 : 18

قُلِ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا لَبِثُواْۖ لَهُۥ غَيۡبُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ أَبۡصِرۡ بِهِۦ وَأَسۡمِعۡۚ مَا لَهُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَلِيّٖ وَلَا يُشۡرِكُ فِي حُكۡمِهِۦٓ أَحَدٗا

Ntumwa y’Imana! Niwaramuka ubajijwe ku bijanye n’ikiringo benisenga bamaze basinziriye mw’isenga ry’ibuye, mu gihe ata bumenyi ubifiseko buturutse ku Mana Allah, uraheza wishure uti: “Imana Allah ni Yo Izi neza na neza ikiringo bamazeyo, ni Yo Ifise ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi, burya ukubona n’ukwumva kwayo, ni igitangaza koko. Ibiremwa nta muhagarikizi n’umwe bifise havuye Imana Allah yobitunganiriza ivyavyo, kandi nta n’umwe muri vyo Ibangikanije na we mu gushinga amateka no kuyashira mu ngiro”. info
التفاسير:

external-link copy
27 : 18

وَٱتۡلُ مَآ أُوحِيَ إِلَيۡكَ مِن كِتَابِ رَبِّكَۖ لَا مُبَدِّلَ لِكَلِمَٰتِهِۦ وَلَن تَجِدَ مِن دُونِهِۦ مُلۡتَحَدٗا

Ntumwa y’Imana! Shikiriza ata guhigimanga ivyo wahishuriwe n’Imana yawe Rurema Allah mu Gitabu cayo Qor’ani. Burya Qor’ani, ni Igitabu ata n’umwe ashobora guhindura amajambo yaco ku kuntu atunganijwe mu kuri, eka ntuzoronka n’uwo wohungirako kiretse Yo. info
التفاسير: