ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - ߞߌߙߎߣߘߌߞߊ߲ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ - ߦߎߛߎߝ ߦߊߺߊ߳ߑߞ߫ߎߓߏߝߌߗ ߓߟߏ߫

ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ:close

external-link copy
82 : 11

فَلَمَّا جَآءَ أَمۡرُنَا جَعَلۡنَا عَٰلِيَهَا سَافِلَهَا وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهَا حِجَارَةٗ مِّن سِجِّيلٖ مَّنضُودٖ

Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana abantu ba Luutwi ryagera, Twabubitseko isi y’aho baba, hejuru haja mu kuzimu, Duca Tuhacucagira amabuye ahiye y’urutavanako; info
التفاسير:

external-link copy
83 : 11

مُّسَوَّمَةً عِندَ رَبِّكَۖ وَمَا هِيَ مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ بِبَعِيدٖ

Ayo mabuye yariko ibimenyetso biturutse ku Mana yawe Rurema Allah, bituma adasa n’amabuye yo kw’isi; kandi icucagira ry’amabuye Twahanishije abantu ba Luutwi, ntiriri kure ko ryoshikira abagarariji b’Abakorayishi birenganije[13]. info

[13] Iyi Aayah irihaniza intumva z’ibigaba izereka ko zishobora guhanwa.

التفاسير:

external-link copy
84 : 11

۞ وَإِلَىٰ مَدۡيَنَ أَخَاهُمۡ شُعَيۡبٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ وَلَا تَنقُصُواْ ٱلۡمِكۡيَالَ وَٱلۡمِيزَانَۖ إِنِّيٓ أَرَىٰكُم بِخَيۡرٖ وَإِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٖ مُّحِيطٖ

Twaranarungikiye abantu bo muri Madiyana mwenewabo Shu’ayibu, araheza ababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, kandi ntimukagabanye ingero n’iminzani mu gupimira abantu, mu vy’ukuri mbona mworohewe mu buzima, kandi ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’umusi ubakikuje; info
التفاسير:

external-link copy
85 : 11

وَيَٰقَوۡمِ أَوۡفُواْ ٱلۡمِكۡيَالَ وَٱلۡمِيزَانَ بِٱلۡقِسۡطِۖ وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ

Bantu banje! Nimukwize neza ivyo mupima ku ngero no ku munzani, kandi ntimukarenganye abantu mu kubambura utwabo mu buryo ubwo ari bwo bwose, ntimukagenzwe n’ubwononyi kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
86 : 11

بَقِيَّتُ ٱللَّهِ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَۚ وَمَآ أَنَا۠ عَلَيۡكُم بِحَفِيظٖ

Inyungu muronka mu gihe mukwije ingero n’iminzani, ni yo irimwo imigisha n’ineza kuri mwebwe biturutse ku Mana Allah. Nimwaba mwemera koko Imana Allah, nimwubahirize rero iryo bwirizwa, si nanje njejwe kumenya no kubungabunga ivyo mukora". info
التفاسير:

external-link copy
87 : 11

قَالُواْ يَٰشُعَيۡبُ أَصَلَوٰتُكَ تَأۡمُرُكَ أَن نَّتۡرُكَ مَا يَعۡبُدُ ءَابَآؤُنَآ أَوۡ أَن نَّفۡعَلَ فِيٓ أَمۡوَٰلِنَا مَا نَشَٰٓؤُاْۖ إِنَّكَ لَأَنتَ ٱلۡحَلِيمُ ٱلرَّشِيدُ

Abantu ba Shu’ayibu barinamuye bamwishura bati: “Ewe Shu’ayibu! Mbega amasengesho yawe, ni yo agutegeka kutubuza ko dusenga ivyo ba data basenga! Canke ko tureka kurondera inyungu y’amatungo yacu uko dushaka! Yoo! Ni ukuri, wewe urateye ikigongwe! Aho rero, ni wewe uri inararibonye izi ikoreshwa ribereye ry’amatungo!”. info
التفاسير:

external-link copy
88 : 11

قَالَ يَٰقَوۡمِ أَرَءَيۡتُمۡ إِن كُنتُ عَلَىٰ بَيِّنَةٖ مِّن رَّبِّي وَرَزَقَنِي مِنۡهُ رِزۡقًا حَسَنٗاۚ وَمَآ أُرِيدُ أَنۡ أُخَالِفَكُمۡ إِلَىٰ مَآ أَنۡهَىٰكُمۡ عَنۡهُۚ إِنۡ أُرِيدُ إِلَّا ٱلۡإِصۡلَٰحَ مَا ٱسۡتَطَعۡتُۚ وَمَا تَوۡفِيقِيٓ إِلَّا بِٱللَّهِۚ عَلَيۡهِ تَوَكَّلۡتُ وَإِلَيۡهِ أُنِيبُ

Shu’ayibu yavuze ati: “Emwe bantu banje narungitsweko! Nimumbwire uko vyogenda, mu gihe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ibimbeshaho bikwiye, biryoshe kandi birekuwe! Sinshaka rero ko noca kubiri na mwe nkakora ivyo ndababuza; nta n’ico ndondera mu kubararikira kwubahiriza utwa murundi, kiretse kubatunganiriza uko nshoboye kwose; eka nta n’ico nshoboye gushikako kiretse ico nshobojwe n’Imana Allah, ni Yo gusa nishimikije nkizera, ni na Yo gusa ngarukako nkigaya; info
التفاسير: