पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती ।

رقم الصفحة:close

external-link copy
94 : 9

يَعۡتَذِرُونَ إِلَيۡكُمۡ إِذَا رَجَعۡتُمۡ إِلَيۡهِمۡۚ قُل لَّا تَعۡتَذِرُواْ لَن نُّؤۡمِنَ لَكُمۡ قَدۡ نَبَّأَنَا ٱللَّهُ مِنۡ أَخۡبَارِكُمۡۚ وَسَيَرَى ٱللَّهُ عَمَلَكُمۡ وَرَسُولُهُۥ ثُمَّ تُرَدُّونَ إِلَىٰ عَٰلِمِ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Bemeramana! Igihe mwagarutse muvuye ku rugamba rwa Tabuuki, abasivye kuri rwo bazobireguzako ikinyoma. Ntumwa y’Imana! Uraheza rero ubishure uti: “Ntimwirirwe muriregura, mu vy’ukuri ivyanyu Imana Allah Yamaze kubitumenyesha. N’aho mwokwiregura rero, ntiturota tubemera namba. Kubera ivyo rero, Imana Allah n’Intumwa yayo bazoraba ko mwikebuka mukigaya. Nimwatsimbatara ku buryarya naho, Imana Allah Izoheza Igaragarize abantu uburyarya bwanyu mukiri kw’isi; mumaze gupfa naho muzosubizwe ku Mana Allah Rumenyi rw’ibinyegeje n’ibiboneka, Iheze Ibahembere ivyo mwakoze”; info
التفاسير:

external-link copy
95 : 9

سَيَحۡلِفُونَ بِٱللَّهِ لَكُمۡ إِذَا ٱنقَلَبۡتُمۡ إِلَيۡهِمۡ لِتُعۡرِضُواْ عَنۡهُمۡۖ فَأَعۡرِضُواْ عَنۡهُمۡۖ إِنَّهُمۡ رِجۡسٞۖ وَمَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُ جَزَآءَۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ

Nimwagaruka muvuye ku rugamba rero, bazobarahira barengwe kw’Izina ry’Imana Allah bireguza ikinyoma, kugira ntimubaharire ivomo. Nimubaharire ivomo rero mubirengagize, mu vy’ukuri barangwa n’umutima mubi. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
96 : 9

يَحۡلِفُونَ لَكُمۡ لِتَرۡضَوۡاْ عَنۡهُمۡۖ فَإِن تَرۡضَوۡاْ عَنۡهُمۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يَرۡضَىٰ عَنِ ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡفَٰسِقِينَ

Bemeramana! Bazobarahira barengwe kw’Izina ry’Imana Allah bireguza ikinyoma kugira mubishimire; nimwaramuka mubishimiye kuko mutazi ko barangwa n’ikinyoma, muramenya mu vy'ukuri ko Imana Allah Itishimira namba abantu b’ibigaba barenga ku mabwirizwa yayo. info
التفاسير:

external-link copy
97 : 9

ٱلۡأَعۡرَابُ أَشَدُّ كُفۡرٗا وَنِفَاقٗا وَأَجۡدَرُ أَلَّا يَعۡلَمُواْ حُدُودَ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَىٰ رَسُولِهِۦۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ

Abarabu baba mu micungararo y’ibisagara, barangwa n’ubugarariji hamwe n’uburyarya bw’agahebuza gusumba ababa mu bisagara[24]; baranakwiye kutamenya imbibe z’amabwirizwa Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ukuntu babayeho; Intungane mu vyo Ikora. info

[24] Ivyo biterwa n’uko barangwa kenshi n’agatimatare gaturutse ku bumenyi buke butewe no kutaronka inyigisho zikwiye.

التفاسير:

external-link copy
98 : 9

وَمِنَ ٱلۡأَعۡرَابِ مَن يَتَّخِذُ مَا يُنفِقُ مَغۡرَمٗا وَيَتَرَبَّصُ بِكُمُ ٱلدَّوَآئِرَۚ عَلَيۡهِمۡ دَآئِرَةُ ٱلسَّوۡءِۗ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٞ

Burya mu Barabu baba mu micungararo y’ibisagara, harimwo uwufata ivyo atanze mu guharanira idini ry’Imana, ko ari agahombo ata n’ico bimwungura, agaheza akabatega imisi y’akaga. Kira noneho, ni bo barindiriwe n’imisi y’akaga! Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana; info
التفاسير:

external-link copy
99 : 9

وَمِنَ ٱلۡأَعۡرَابِ مَن يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَيَتَّخِذُ مَا يُنفِقُ قُرُبَٰتٍ عِندَ ٱللَّهِ وَصَلَوَٰتِ ٱلرَّسُولِۚ أَلَآ إِنَّهَا قُرۡبَةٞ لَّهُمۡۚ سَيُدۡخِلُهُمُ ٱللَّهُ فِي رَحۡمَتِهِۦٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ

Muri abo, harimwo n’abemera Imana Imwe Rudende Allah bakanemera n’umusi w’iherezo, bakanatanga mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah, no kugira ngo basabirwe n’Intumwa y’Imana. Bantu nimwumve mwumvireho! Ivyo bakora birabegereza koko ku Mana Allah. Imana Allah rero Izobinjiza ku mpuhwe zayo mu Bwami bw’ijuru. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo; info
التفاسير: