पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती ।

رقم الصفحة:close

external-link copy
27 : 4

وَٱللَّهُ يُرِيدُ أَن يَتُوبَ عَلَيۡكُمۡ وَيُرِيدُ ٱلَّذِينَ يَتَّبِعُونَ ٱلشَّهَوَٰتِ أَن تَمِيلُواْ مَيۡلًا عَظِيمٗا

Imana Allah Ishaka kubumvira ukwigaya kwanyu Iheze Ibababarire, mu gihe abatwarwa n’ivyipfuzo vyabo bashaka ko muhengama cane mugata inzira y’idini; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 4

يُرِيدُ ٱللَّهُ أَن يُخَفِّفَ عَنكُمۡۚ وَخُلِقَ ٱلۡإِنسَٰنُ ضَعِيفٗا

Imana Allah Ishaka kuborohereza mu vyo Ibategeka kuko kiremwa-muntu caremanwe ingoga nke zo kurwanya ivyipfuzo vyaco. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 4

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَأۡكُلُوٓاْ أَمۡوَٰلَكُم بَيۡنَكُم بِٱلۡبَٰطِلِ إِلَّآ أَن تَكُونَ تِجَٰرَةً عَن تَرَاضٖ مِّنكُمۡۚ وَلَا تَقۡتُلُوٓاْ أَنفُسَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِكُمۡ رَحِيمٗا

Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nta n’umwe muri mwebwe arekuriwe kwihagira amatungo y’abandi ata burenganzira ayafiseko, kiretse mu gihe yubahirije ingingo zerekeye urudandazwa mu mwumvikano hagati yanyu; kandi ntimukihekure mu kwicana hagati yanyu kuko vyotuma muhona. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi, Ibafitiye impuhwe mu vyo Ibabwiriza vyose. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 4

وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ عُدۡوَٰنٗا وَظُلۡمٗا فَسَوۡفَ نُصۡلِيهِ نَارٗاۚ وَكَانَ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرًا

Uwo wese rero azorenga ku vyabujijwe n’Imana Allah, akihagira amatungo y’abandi ku karenganyo[7], aramenya ko Twebwe Allah Tuzomwinjiza mu muriro, kandi ukumuhanisha umuriro biroroshe ku Mana Allah. info

[7] Nko kwiba, kwambura utwa murundi no guhangika.

التفاسير:

external-link copy
31 : 4

إِن تَجۡتَنِبُواْ كَبَآئِرَ مَا تُنۡهَوۡنَ عَنۡهُ نُكَفِّرۡ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَنُدۡخِلۡكُم مُّدۡخَلٗا كَرِيمٗا

Bemeramana! Nimwirinda gukora ivyaha rutura[8] mu vyo mubuzwa, Tuzoheza Tubababarire ibicumuro n’ivyaha vyanyu bitobito, maze Tubinjize ubwinjiriro bwiza kandi bwubashwe bugana mu Bwami bw’ijuru; info

[8] Nk’ibangikanyamana, kutubaha no kutubahiriza agateka k’abavyeyi, no kwicira umuntu ubusa, n’ibindi.

التفاسير:

external-link copy
32 : 4

وَلَا تَتَمَنَّوۡاْ مَا فَضَّلَ ٱللَّهُ بِهِۦ بَعۡضَكُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ لِّلرِّجَالِ نَصِيبٞ مِّمَّا ٱكۡتَسَبُواْۖ وَلِلنِّسَآءِ نَصِيبٞ مِّمَّا ٱكۡتَسَبۡنَۚ وَسۡـَٔلُواْ ٱللَّهَ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٗا

Ntimukipfuze ivyo Imana Allah Yateje iteka bamwe muri mwebwe; nko guhabwa ubuhinga n’ibibabeshaho, n’ibindi. Burya Imana Allah Yageneye abagabo kuronka umugabane w’impembo hisunzwe ivyo barondeye; n’abagore nyene Yabageneye kuronka umugabane w’impembo hisunzwe ivyo barondeye. Muraheza rero musabe Imana Allah, Izobaronsa mu mpano zayo, ha kwipfuza ivy’abandi. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Izi ibikwiye bitunganye mu vyo Igenera ibiremwa vyayo, ni Nyenubumenyikurivyose. info
التفاسير:

external-link copy
33 : 4

وَلِكُلّٖ جَعَلۡنَا مَوَٰلِيَ مِمَّا تَرَكَ ٱلۡوَٰلِدَانِ وَٱلۡأَقۡرَبُونَۚ وَٱلَّذِينَ عَقَدَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡ فَـَٔاتُوهُمۡ نَصِيبَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدًا

Umwe wese muri mwebwe rero, Twaramugeneye abatorana ibisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe biwe, hamwe rero n’abo mwanywanye mu kurahira ko mutegerezwa gutabarana no guhana ku bisigi, abo rero murabaha ico bagenewe mu bisigi[9]. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, ni Yo Cabonamurivyose. info

[9] Ugutorana hisunzwe ukunywana kwarubahirizwa mu ntango y’ubwislamu, ariko mu nyuma iyo ngingo yahavuye isubirirwa n’ingingo zo gutorana. Raba Aayah ya 11 n’iya 12 muri iki gisomwa c’Abakenyezi.

التفاسير: