पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती ।

رقم الصفحة:close

external-link copy
53 : 3

رَبَّنَآ ءَامَنَّا بِمَآ أَنزَلۡتَ وَٱتَّبَعۡنَا ٱلرَّسُولَ فَٱكۡتُبۡنَا مَعَ ٱلشَّٰهِدِينَ

Mana yacu Rurema Allah! Twaremeye ivyo Wamanuye mu Njili, turanakurikira Intumwa yawe Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), enda rero Uradushira hamwe n’abemanga ko Uri Imana Imwe Rudende n’uko Intumwa zawe zashikirije abo zarungitsweko ubutumwa bwaweˮ, abo na bo bakaba ari abarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bazobera ivyabona Intumwa z’Imana ko zashikanye ubutumwa ku bo zarungitsweko. info
التفاسير:

external-link copy
54 : 3

وَمَكَرُواْ وَمَكَرَ ٱللَّهُۖ وَٱللَّهُ خَيۡرُ ٱلۡمَٰكِرِينَ

Abagarariji muri Bene Israyeli barahemutse mu gutegura mu mpisho umugambi mubi wo kwica Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Imana Allah na Yo Irahinyura nya mugambi Iraheza Yambika ishusho ry’Intumwa Isa uwundi muntu bahavuye bafata baramwica baranamubamba ku musaraba, bibaza ko ari we Isa mwene Mariyamu. Burya rero Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura imigambi igayitse; info
التفاسير:

external-link copy
55 : 3

إِذۡ قَالَ ٱللَّهُ يَٰعِيسَىٰٓ إِنِّي مُتَوَفِّيكَ وَرَافِعُكَ إِلَيَّ وَمُطَهِّرُكَ مِنَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَجَاعِلُ ٱلَّذِينَ ٱتَّبَعُوكَ فَوۡقَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِۖ ثُمَّ إِلَيَّ مَرۡجِعُكُمۡ فَأَحۡكُمُ بَيۡنَكُمۡ فِيمَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ

Igihe Imana Allah Ibwiriye Intumwa Isa Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ndagukura kw’isi Ndakurerure iwanje uri muzima utaragirirwa nabi namba, maze Ndagukize abakugararije, Nongere Mpe abakwemeye bakagukurikira[11] intsinzi yo kunesha abakugararije gushika ku musi w’iherezo ry’isi”. Hanyuma rero ga bantu! Ku musi wo guharurirwa mwese muzogaruka iwanje Jewe Allah, Nshoke Ndabacira urutunganye ku vyo mwahora muhazanako mu vyerekeye Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah). info

[11] Mu kwubaha no kwubahiriza idini ryawe, mu kwemanga ibiranga umuzo w’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mu kuyemera no kugendera amabwirizwa y’ubwislamu igihe yarungitswe ku bantu bose.

التفاسير:

external-link copy
56 : 3

فَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَأُعَذِّبُهُمۡ عَذَابٗا شَدِيدٗا فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ

Abagararije Intumwa Isa (mu bayahudi) hamwe n’abayihaye icubahiro ndenzarugero (mu banaswara), Nzoheza Ndabahe ibihano ruhasha, vyo kwicwa no kunyagwa amatungo n’ubutegetsi kw’isi, Nongere Ndabahe n’ibihano vyo mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa, eka mbere ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah. info
التفاسير:

external-link copy
57 : 3

وَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَيُوَفِّيهِمۡ أُجُورَهُمۡۗ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلظَّٰلِمِينَ

Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, Imana Allah Izoheza Ibahe indishi z’ibikorwa vyabo zikwiye, burya kandi rero Imana Allah ntikunda na gato abirenganya mu kuyibangikanya no mu kuyigarariza. info
التفاسير:

external-link copy
58 : 3

ذَٰلِكَ نَتۡلُوهُ عَلَيۡكَ مِنَ ٱلۡأٓيَٰتِ وَٱلذِّكۡرِ ٱلۡحَكِيمِ

Ntumwa y’Imana! Ayo mateka Tukwiganira Twebwe Allah ku vyerekeye Intumwa Isa mwene Mariyamu, ari mu vyemezo bigaragaza ukuri kw’ubutumwa bwawe, bikagaragaza n’uko Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma, ari ukuri kuzira amakenga. info
التفاسير:

external-link copy
59 : 3

إِنَّ مَثَلَ عِيسَىٰ عِندَ ٱللَّهِ كَمَثَلِ ءَادَمَۖ خَلَقَهُۥ مِن تُرَابٖ ثُمَّ قَالَ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ

Mu vy’ukuri, iremwa rya Isa mwene Mariyamu atagira se, ni nk’iremwa rya Adamu atagira se na nyina, Yamuremye mw’ivu hanyuma Imubwira Iti: “Ba umuntu”, aca aba umuntu muzima[12]. info

[12] Guha rero ubumana Isa mwene Mariyamu ku kuba yavutse atagira se, ni ikinyoma cambaye ubusa kuko na Adamu yaremwe atagira se na nyina, ariko hamwe n’ivyo, abantu bose ntibigeze bamufata ko ari imana, ahubwo bose bahurije ku kuba ari umuja n’ikiremwa c’Imana Allah.

التفاسير:

external-link copy
60 : 3

ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ فَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡمُمۡتَرِينَ

Ntumwa y’Imana! Ukuri kutagiramwo amakenga ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu, ni ukuri kwagushikiriye kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Kubera ivyo rero, shishikara utsimbataye kuri ukwo kuri, ntukabe mu bagufiseko amakenga. info
التفاسير:

external-link copy
61 : 3

فَمَنۡ حَآجَّكَ فِيهِ مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ فَقُلۡ تَعَالَوۡاْ نَدۡعُ أَبۡنَآءَنَا وَأَبۡنَآءَكُمۡ وَنِسَآءَنَا وَنِسَآءَكُمۡ وَأَنفُسَنَا وَأَنفُسَكُمۡ ثُمَّ نَبۡتَهِلۡ فَنَجۡعَل لَّعۡنَتَ ٱللَّهِ عَلَى ٱلۡكَٰذِبِينَ

Abazoguhaririza ku vyerekeye Isa mwene Mariyamu inyuma yuko umaze kumenya ukuri ku bimwerekeye, urababwira uti: “Enda nimuze, turarike abana bacu n’abana banyu, abakenyezi bacu n’abakenyezi banyu, hamwe rero na twebwe na mwebwe nyene, maze dutumbere Imana Allah tuyisabe ko Yomanurira igihano n’ivumwe ryayo abanyakinyoma badahesha mu kurementaniriza ubumana Isa mwene Mariyamu”. info
التفاسير: