पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती ।

رقم الصفحة:close

external-link copy
36 : 28

فَلَمَّا جَآءَهُم مُّوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَا بَيِّنَٰتٖ قَالُواْ مَا هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّفۡتَرٗى وَمَا سَمِعۡنَا بِهَٰذَا فِيٓ ءَابَآئِنَا ٱلۡأَوَّلِينَ

Igihe rero Musa aziye kwa Firawuni n’abantu biwe, yibangikanije n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah vyerekana ko ari Intumwa vy’ukuri, bamubwiye bati: “Nta kuri watuzaniye kiretse ko ari ubukonikoni bw’irementanya; nta n’aho twigeze twumva ivyo uturarikira mu bavyeyi bacu bo hambere”. info
التفاسير:

external-link copy
37 : 28

وَقَالَ مُوسَىٰ رَبِّيٓ أَعۡلَمُ بِمَن جَآءَ بِٱلۡهُدَىٰ مِنۡ عِندِهِۦ وَمَن تَكُونُ لَهُۥ عَٰقِبَةُ ٱلدَّارِۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Musa araheza yishura Firawuni ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwaje azanye uburongozi buvuye kuri Yo, Ikanamenya n’uwufise iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa; kukaba nkako, abirenganije ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”. info
التفاسير:

external-link copy
38 : 28

وَقَالَ فِرۡعَوۡنُ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَأُ مَا عَلِمۡتُ لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرِي فَأَوۡقِدۡ لِي يَٰهَٰمَٰنُ عَلَى ٱلطِّينِ فَٱجۡعَل لِّي صَرۡحٗا لَّعَلِّيٓ أَطَّلِعُ إِلَىٰٓ إِلَٰهِ مُوسَىٰ وَإِنِّي لَأَظُنُّهُۥ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ

Firawuni araheza abwira abunganizi biwe ati: “Emwe bunganizi banje! Sinigeze menya ko mufise iyindi mana mukwiye gusenga atari jewe. Haamaani! Ngirira ifuru yo kwokerezamwo amatafari, uheze unyubakire inyubakwa ndende cane y'umunara w’akataraboneka, ndabe ko hari n’aho noduga mw’ijuru nkabona Imana ya Musa aturarikira gusenga; kandi ni ukuri, nibwira ko Musa yoba ari mu babeshi”. info
التفاسير:

external-link copy
39 : 28

وَٱسۡتَكۡبَرَ هُوَ وَجُنُودُهُۥ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُمۡ إِلَيۡنَا لَا يُرۡجَعُونَ

Firawuni hamwe n’ingabo ziwe baragize amanyama mu kugarariza Musa ata n’ukuri bisunze mu gihugu ca Misiri, baraheza bibaza ko nibapfa batazozuka bakagaruka iwacu Twebwe Allah. info
التفاسير:

external-link copy
40 : 28

فَأَخَذۡنَٰهُ وَجُنُودَهُۥ فَنَبَذۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ni ho rero Twafata Firawuni hamwe n’ingabo ziwe, Tubaterera mw’ibahari basomera rimwe nturi. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu iherezo ry’abirenganya mu kugarariza ryagenze! info
التفاسير:

external-link copy
41 : 28

وَجَعَلۡنَٰهُمۡ أَئِمَّةٗ يَدۡعُونَ إِلَى ٱلنَّارِۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا يُنصَرُونَ

Firawuni hamwe n’ingabo ziwe, Twabagize indongozi zirarikira abantu kw’isi kuja mu muriro, no ku musi w’izuka rero ntibazoronka uwubatabara ngo abakure mu bihano. info
التفاسير:

external-link copy
42 : 28

وَأَتۡبَعۡنَٰهُمۡ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا لَعۡنَةٗۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ هُم مِّنَ ٱلۡمَقۡبُوحِينَ

Firawuni hamwe n’ingabo ziwe bamaze gusomeshwa nturi, Twabakurikije ivumwe kw’isi, no ku musi w’izuka bazoba bari mu bantu baranzwe n’ibikorwa bibi cane, badakwiye kugirirwa impuhwe namba. info
التفاسير:

external-link copy
43 : 28

وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ مِنۢ بَعۡدِ مَآ أَهۡلَكۡنَا ٱلۡقُرُونَ ٱلۡأُولَىٰ بَصَآئِرَ لِلنَّاسِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لَّعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ

Ni ukuri Musa, Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati mu nyuma y’aho Duhonereje imigwi y’abantu bo hambere yiwe, Igitabu kirimwo inyigisho zituma Bene Israyeli bamenya gutandukanya iciza n’ikibi; harimwo n’ubugororotsi n’impuhwe kugira bibuke inema z’Imana Allah, baheze bayishimire mu kutayigarariza. info
التفاسير: