Na barya bemeye, maze n’uruvyaro rwabo rukabakurikira mu kwemera, Tuzobakurikiza uruvyaro rwabo mu Bwami bw’ijuru, n’aho batazoba bari ku rugezo rw’ibikorwa vyabo, kandi ntituzogabanya na kimwe ku ndishi y’ivyo bakoze. Burya umuntu wese azofatirwa ku vyo yakoze, nta wuzohanirwa icaha c’uwundi.
Mu vy’ukuri n’imbere y’ugukingirwa nya bihano, twahora dutakambira Imana Allah, mu kuyisaba tutayibangikanya, ko Yobidukingira. Mu vy’ukuri, ni Yo Mugiranezamurivyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.