വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി

പേജ് നമ്പർ: 523:523 close

external-link copy
15 : 52

أَفَسِحۡرٌ هَٰذَآ أَمۡ أَنتُمۡ لَا تُبۡصِرُونَ

Mbega none ibi bihano murimwo, ni uburozi canke nta vyo mubona! info
التفاسير:

external-link copy
16 : 52

ٱصۡلَوۡهَا فَٱصۡبِرُوٓاْ أَوۡ لَا تَصۡبِرُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡكُمۡۖ إِنَّمَا تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Nimuwinjire muwote rero; mwihangana mutihangana, vyose ni kimwe, ntimurota mutezurirwa mu bihano. Ni ukuri, muhemberwa ivyo mwari mwarakoze kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
17 : 52

إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَنَعِيمٖ

Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, bari no mu nema zihambaye; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 52

فَٰكِهِينَ بِمَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ وَوَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ

Akamwemwe kabasya, baryohewe n’inema z’ubwoko bwose bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, kandi Imana yabo Rurema Allah Izonabakingira ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu; info
التفاسير:

external-link copy
19 : 52

كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Maze babwirwe bati: “Nimurye mwongere munywe n’akayabagu kenshi, burya muhembewe ibikorwa vyiza mwari mwarakoze kw’isi”. info
التفاسير:

external-link copy
20 : 52

مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ سُرُرٖ مَّصۡفُوفَةٖۖ وَزَوَّجۡنَٰهُم بِحُورٍ عِينٖ

Bazoba rero bicaye ku bitanda bisharije bitondetse neza. Tuzonabatera iteka Tubashingire abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini). info
التفاسير:

external-link copy
21 : 52

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱتَّبَعَتۡهُمۡ ذُرِّيَّتُهُم بِإِيمَٰنٍ أَلۡحَقۡنَا بِهِمۡ ذُرِّيَّتَهُمۡ وَمَآ أَلَتۡنَٰهُم مِّنۡ عَمَلِهِم مِّن شَيۡءٖۚ كُلُّ ٱمۡرِيِٕۭ بِمَا كَسَبَ رَهِينٞ

Na barya bemeye, maze n’uruvyaro rwabo rukabakurikira mu kwemera, Tuzobakurikiza uruvyaro rwabo mu Bwami bw’ijuru, n’aho batazoba bari ku rugezo rw’ibikorwa vyabo, kandi ntituzogabanya na kimwe ku ndishi y’ivyo bakoze. Burya umuntu wese azofatirwa ku vyo yakoze, nta wuzohanirwa icaha c’uwundi. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 52

وَأَمۡدَدۡنَٰهُم بِفَٰكِهَةٖ وَلَحۡمٖ مِّمَّا يَشۡتَهُونَ

Hejuru y’inema bazoba barimwo, Tuzobaha ivyamwa n’inyama bitera akayabagu, kuko biri mu bintu bikundwa cane; info
التفاسير:

external-link copy
23 : 52

يَتَنَٰزَعُونَ فِيهَا كَأۡسٗا لَّا لَغۡوٞ فِيهَا وَلَا تَأۡثِيمٞ

Tuzobaha n’umwuhiro w’inzoga zitaboreza, ibirahuri vy’inzoga bikurakuranwa, bahererekanya hagati yabo mu Bwami bw’ijuru; nya nzoga, nta ho zisa zisana n’izo kw’isi ziyayura umutwe, umuntu agatangura kudedemba avuga ayamuhe yitonganya; info
التفاسير:

external-link copy
24 : 52

۞ وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ غِلۡمَانٞ لَّهُمۡ كَأَنَّهُمۡ لُؤۡلُؤٞ مَّكۡنُونٞ

Bazoba bakikijwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana; uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni lulu[1] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu. info

[1] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yayo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.

التفاسير:

external-link copy
25 : 52

وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ

Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi; info
التفاسير:

external-link copy
26 : 52

قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا قَبۡلُ فِيٓ أَهۡلِنَا مُشۡفِقِينَ

Maze bavuge bati: “Mu vy’ukuri, mu buzima twabayeho mu bacu, aho hambere kw’isi, twaratinya Imana yacu Rurema Allah, tukamana impungenge ku bihano vyo ku musi w’izuka; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 52

فَمَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا وَوَقَىٰنَا عَذَابَ ٱلسَّمُومِ

Maze Imana Allah Itugirira ubuntu, Iturongora mu nzira yayo, Iraheza Idukingira n’ibihano vy’umwokero wa Jahannamu; info
التفاسير:

external-link copy
28 : 52

إِنَّا كُنَّا مِن قَبۡلُ نَدۡعُوهُۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡبَرُّ ٱلرَّحِيمُ

Mu vy’ukuri n’imbere y’ugukingirwa nya bihano, twahora dutakambira Imana Allah, mu kuyisaba tutayibangikanya, ko Yobidukingira. Mu vy’ukuri, ni Yo Mugiranezamurivyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo”. info
التفاسير:

external-link copy
29 : 52

فَذَكِّرۡ فَمَآ أَنتَ بِنِعۡمَتِ رَبِّكَ بِكَاهِنٖ وَلَا مَجۡنُونٍ

Ntumwa y’Imana! Ibutsa rero abo warungitsweko ukoresheje Qor’ani, kuko guhabwa kwawe ubutumwa n’ubumenyi mw’idini, si vyo vyotuma witwa Senyagara avuga ivyo adafitiye ubumenyi, canke umusazi yakehewe n’ubwenge. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 52

أَمۡ يَقُولُونَ شَاعِرٞ نَّتَرَبَّصُ بِهِۦ رَيۡبَ ٱلۡمَنُونِ

Canke ababangikanyamana boba bavuga bati: “Uwo Muhamadi mwumva, ni umwivuzi w’amazina, tumuteze imisi, mureke urupfu ruramubona!” info
التفاسير:

external-link copy
31 : 52

قُلۡ تَرَبَّصُواْ فَإِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُتَرَبِّصِينَ

Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nimurindire urupfu rwanje, nanje mu vy’ukuri ndacarindiriye hamwe na mwe ibihano muzohabwa”. info
التفاسير: