വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി

പേജ് നമ്പർ:close

external-link copy
16 : 50

وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ وَنَعۡلَمُ مَا تُوَسۡوِسُ بِهِۦ نَفۡسُهُۥۖ وَنَحۡنُ أَقۡرَبُ إِلَيۡهِ مِنۡ حَبۡلِ ٱلۡوَرِيدِ

Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu Tuzi neza ivyo umushaha wiwe umwosha. Kira noneho, Turi no hafi yiwe cane kurusha umutsi mukuru wo kw’izosi ufitaniye imihora n’umutima; info
التفاسير:

external-link copy
17 : 50

إِذۡ يَتَلَقَّى ٱلۡمُتَلَقِّيَانِ عَنِ ٱلۡيَمِينِ وَعَنِ ٱلشِّمَالِ قَعِيدٞ

Igihe abamalayika babiri baba bari iburyo n’ibubamfu, maze uwuri iburyo akandika ibikorwa vy'umuntu vyiza, uwuri ibubamfu na we akandika ibikorwa vyiwe bibi; info
التفاسير:

external-link copy
18 : 50

مَّا يَلۡفِظُ مِن قَوۡلٍ إِلَّا لَدَيۡهِ رَقِيبٌ عَتِيدٞ

Nta n’ijambo na rimwe riva mu kanwa kiwe, kiretse ko aba afise umumalayika amucungereye aheza akaryandika, akaba ari na co gusa ajejwe; info
التفاسير:

external-link copy
19 : 50

وَجَآءَتۡ سَكۡرَةُ ٱلۡمَوۡتِ بِٱلۡحَقِّۖ ذَٰلِكَ مَا كُنتَ مِنۡهُ تَحِيدُ

Yashikirwa n’ibimenyetso vy’ukuri vy’uko ari ku mpfiro, akabwirwa ati: “Ewe muntu! Ico ni co wahora uhunga utinya ko kigushikira”; info
التفاسير:

external-link copy
20 : 50

وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِۚ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡوَعِيدِ

Maze inzamba igira kabiri yo kuzurwa kw’ibiremwa ivuzwe. Uwo rero ni wo musi w’izuka, Imana Allah Yasezeraniye abagarariji ko utegerezwa gushika; info
التفاسير:

external-link copy
21 : 50

وَجَآءَتۡ كُلُّ نَفۡسٖ مَّعَهَا سَآئِقٞ وَشَهِيدٞ

Umuntu wese rero kuri uwo musi, azoza ari kumwe n’abamalayika babiri; umwe azoba amushoreye, awundi na we akazoba aje kumwagiriza ku vyo yakoze kw’isi. info
التفاسير:

external-link copy
22 : 50

لَّقَدۡ كُنتَ فِي غَفۡلَةٖ مِّنۡ هَٰذَا فَكَشَفۡنَا عَنكَ غِطَآءَكَ فَبَصَرُكَ ٱلۡيَوۡمَ حَدِيدٞ

Aheze abwirwe ati: “Ni ukuri, wari waragoswe ku vyo wiboneye kuri uno musi, maze Twebwe Allah Tugukurirako ipaziya ku buryo amaso yawe kuri uno musi abona ata guhwihwisha”. info
التفاسير:

external-link copy
23 : 50

وَقَالَ قَرِينُهُۥ هَٰذَا مَا لَدَيَّ عَتِيدٌ

Umumalayika yamugendanira yandika ivyo akora, azomwagiriza ati: “Ng’ibi ivyo wakoze ndabifise kandi birabungabunzwe, biranditswe”. info
التفاسير:

external-link copy
24 : 50

أَلۡقِيَا فِي جَهَنَّمَ كُلَّ كَفَّارٍ عَنِيدٖ

Imana Allah Imaze gutunganiriza ibiremwa, Izobwira nya bamalayika babiri Iti: “Nimuterere muri Jahannamu umuhakanyi uwo ari we wese yimonogoje mu bugarariji, intumva mu kurenga ku mabwirizwa; info
التفاسير:

external-link copy
25 : 50

مَّنَّاعٖ لِّلۡخَيۡرِ مُعۡتَدٖ مُّرِيبٍ

Akaba n’impfumbasi itigera itanga namba mu matungo yayo, yahonyanga agateka k’abandi, ikarenga no ku mabwirizwa, yamana amakenga ku vyo yasezeraniwe no mu vyo yihanijweko; info
التفاسير:

external-link copy
26 : 50

ٱلَّذِي جَعَلَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَأَلۡقِيَاهُ فِي ٱلۡعَذَابِ ٱلشَّدِيدِ

Uwabangikanije Imana Allah n’iyindi mana, nimumuterere mu bihano bikaze vya Jahannamu”; info
التفاسير:

external-link copy
27 : 50

۞ قَالَ قَرِينُهُۥ رَبَّنَا مَآ أَطۡغَيۡتُهُۥ وَلَٰكِن كَانَ فِي ضَلَٰلِۭ بَعِيدٖ

Shetani yamwama hafi mu kumwosha nabi, izomwihakana maze ivuge iti: “Mana yacu Rurema Allah! Sinigeze ndamuhubisha, ariko yari asanzwe ari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”. info
التفاسير:

external-link copy
28 : 50

قَالَ لَا تَخۡتَصِمُواْ لَدَيَّ وَقَدۡ قَدَّمۡتُ إِلَيۡكُم بِٱلۡوَعِيدِ

Imana Allah Izovuga Iti: “Nimukazibe! Nta kamaro ko gutanako imiragwe imbere yanje mu gihe Nabasezeraniye kw’isi ko umugarariji azohanwa; info
التفاسير:

external-link copy
29 : 50

مَا يُبَدَّلُ ٱلۡقَوۡلُ لَدَيَّ وَمَآ أَنَا۠ بِظَلَّٰمٖ لِّلۡعَبِيدِ

Sinisubirako mw’ijambo, kanatsinda Jewe Allah, sindenganya n’umwe mu biremwa ngo Ndamuhanire icaha c’uwundi”. info
التفاسير:

external-link copy
30 : 50

يَوۡمَ نَقُولُ لِجَهَنَّمَ هَلِ ٱمۡتَلَأۡتِ وَتَقُولُ هَلۡ مِن مَّزِيدٖ

Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko umusi Twebwe Allah Twabwiye Jahannamu Duti: “Mbega wuzuye!”; Jahannamu na yo ikishura iti: “Hoba hariho inyongera mu bantu no mu Majini ngo mumpe!”, Imana Allah Ice Iyishiramwo ikirenge cayo, maze na yo ubwo nyene ice icureha ivuga iti: “Geza aho nakwiwe, nakwiwe, namaze kwuzura, nta n’inyongera nkeneye”. info
التفاسير:

external-link copy
31 : 50

وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ غَيۡرَ بَعِيدٍ

Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa hafi y’abagamburukiramana, maze babwitegereze akamwemwe ku kandi kabasya; info
التفاسير:

external-link copy
32 : 50

هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِكُلِّ أَوَّابٍ حَفِيظٖ

Bace babwirwa bati: “Ubu, ni bwo Bwami mwasezeraniwe ko buzohabwa uwo wese yigaya ku vyaha vyiwe, akabungabunga n’ivyo yasezeraniye Imana Allah; info
التفاسير:

external-link copy
33 : 50

مَّنۡ خَشِيَ ٱلرَّحۡمَٰنَ بِٱلۡغَيۡبِ وَجَآءَ بِقَلۡبٖ مُّنِيبٍ

Uwatinye Nyenimpuhwe kw’isi ataranamubona, maze akaza ku musi w’izuka, n’umutima wigaya”. info
التفاسير:

external-link copy
34 : 50

ٱدۡخُلُوهَا بِسَلَٰمٖۖ ذَٰلِكَ يَوۡمُ ٱلۡخُلُودِ

Uyo rero ku musi w’izuka, azoba ari mu bemeramana bazobwirwa bati: “Nimwinjire ubwo Bwami mu mahoro mutekaniwe”. Uwu rero, ni wo musi w’ubuzima budahera; info
التفاسير:

external-link copy
35 : 50

لَهُم مَّا يَشَآءُونَ فِيهَا وَلَدَيۡنَا مَزِيدٞ

Bazoronswa muri Bwo ivyo bipfuza vyose, baranafiseyo n’izindi nema z’inyongera; iyihambaye muri zo, ikaba ari ukwibonera ukuri kwamye Imana Allah. info
التفاسير: