വിശുദ്ധ ഖുർആൻ പരിഭാഷ - കിരുണ്ടി വിവർത്തനം - യൂസുഫ് ഘഹിതി

പേജ് നമ്പർ:close

external-link copy
42 : 5

سَمَّٰعُونَ لِلۡكَذِبِ أَكَّٰلُونَ لِلسُّحۡتِۚ فَإِن جَآءُوكَ فَٱحۡكُم بَيۡنَهُمۡ أَوۡ أَعۡرِضۡ عَنۡهُمۡۖ وَإِن تُعۡرِضۡ عَنۡهُمۡ فَلَن يَضُرُّوكَ شَيۡـٔٗاۖ وَإِنۡ حَكَمۡتَ فَٱحۡكُم بَيۡنَهُم بِٱلۡقِسۡطِۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُقۡسِطِينَ

Bumviriza ikinyoma bakihereza n’amatungo azira[15]. Nibaramuka rero baje kugucisha urubanza, urarubacira canke ubirengagize. Niwabirengagiza ukareka kurubacira, nta na kimwe bazokugira cokubangamira. Niwarubacira naho, urabacira urugororotse rutunganye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda intungane mu guca imanza. info

[15] Nka ruswa, inyungu izira (riba) n’impongano y’ubushurashuzi.

التفاسير:

external-link copy
43 : 5

وَكَيۡفَ يُحَكِّمُونَكَ وَعِندَهُمُ ٱلتَّوۡرَىٰةُ فِيهَا حُكۡمُ ٱللَّهِ ثُمَّ يَتَوَلَّوۡنَ مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَۚ وَمَآ أُوْلَٰٓئِكَ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Ntumwa y’Imana! Bishoboka gute ko bagucisha imanza mu gihe batakwemera, kandi bafise Tawurati irimwo ingingo z’Imana Allah zitomoye ku vyo bagucishako imanza, hanyuma wamara gufata ingingo badashima, bagasubira inyuma bayinebagura kuko idahuye n’ivyipfuzo vyabo! Abarangwa n’izo ngeso rero, ntibemera Imana Allah, ntibanemera n’ingingo ubashikiriza. info
التفاسير:

external-link copy
44 : 5

إِنَّآ أَنزَلۡنَا ٱلتَّوۡرَىٰةَ فِيهَا هُدٗى وَنُورٞۚ يَحۡكُمُ بِهَا ٱلنَّبِيُّونَ ٱلَّذِينَ أَسۡلَمُواْ لِلَّذِينَ هَادُواْ وَٱلرَّبَّٰنِيُّونَ وَٱلۡأَحۡبَارُ بِمَا ٱسۡتُحۡفِظُواْ مِن كِتَٰبِ ٱللَّهِ وَكَانُواْ عَلَيۡهِ شُهَدَآءَۚ فَلَا تَخۡشَوُاْ ٱلنَّاسَ وَٱخۡشَوۡنِ وَلَا تَشۡتَرُواْ بِـَٔايَٰتِي ثَمَنٗا قَلِيلٗاۚ وَمَن لَّمۡ يَحۡكُم بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ

Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Tawurati irimwo uburongozi n’umuco werekana ingingo z’Imana Allah, zisungwa n’Abavugishwamana bicishije bugufi, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo mu gutunganiriza abayahudi. Izo ngingo rero kandi zikisungwa n’abasenzi hamwe n’abamenyi mu bayahudi, mu kwubahiriza ivyo baragijwe n’Abavugishwamana ko bigisha iyubahirizwa ry’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, bakazoba ari n’ivyabona ko Abavugishwamana batunganirije abayahudi bisunze ingingo ziri muri Tawurati. Imana Allah Yabwiye abo basenzi n’abamenyi Iti: “Ntimugatinye rero abantu mu kwubahiriza ingingo zanje kuko ata co bazobungura, eka nta n’ico bazobicira, muraheza rero muntinye Jewe Allah, kandi ntimugafate Aayah zanje ngo muziguze ibintu vy’agaciro gato cane, canke ngo muzihindure mu kutubahiriza ingingo zanje”. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo bagarariji koko. info
التفاسير:

external-link copy
45 : 5

وَكَتَبۡنَا عَلَيۡهِمۡ فِيهَآ أَنَّ ٱلنَّفۡسَ بِٱلنَّفۡسِ وَٱلۡعَيۡنَ بِٱلۡعَيۡنِ وَٱلۡأَنفَ بِٱلۡأَنفِ وَٱلۡأُذُنَ بِٱلۡأُذُنِ وَٱلسِّنَّ بِٱلسِّنِّ وَٱلۡجُرُوحَ قِصَاصٞۚ فَمَن تَصَدَّقَ بِهِۦ فَهُوَ كَفَّارَةٞ لَّهُۥۚ وَمَن لَّمۡ يَحۡكُم بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Twaranategetse abayahudi muri Tawurati ko uwishe yicwa, uwumenye ijisho amenwa ijisho, uwuciye izuru acibwa izuru, uwuciye ugutwi acibwa ugutwi n’uwukuye iryinyo akurwa iryinyo, n’uko uwuteye inguma aterwa inguma mu kwihora. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura, canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo mu gutunganiriza abagiriraniye nabi, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo. info
التفاسير: